homepagekirundisociete

Uganda : Uwagandaguye umuririmvyi Mowzey Radio yamenyekanye

Godfrey Wamala azwi nka Troy yagiriwe n’icaha co kugandagura umuririmvyi Moses Sekibogo benshi bari bazi nka Mowzey Radio.

Mowzey Radio akaba yishwe mu mwaka uheze w’2019, inyuma yo gukubitirwa muri kamwe mu bunywero kari i Kampala ku murwa mukuru wa Uganda.

Mu ntahe y’icese yo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 Gitugutu 2019, bwana Wamala yireguye ko igihe Radio yakubitwa yari muri ubwo bunywero ariko ko atigeze aja muri iyo miswano, ivyo umushirizamanza Jane Francis Abodo atemeye, akazocibwa urubanza kuri uyu wa kane igenekerezo rya 31 Gitugutu 2019.

Mwomenya ko amategeko mpanavyaha muri ico gihugu ategekanya ko mu gihe umuntu yagiriwe n’icaha  c’ukwica umuntu aheza agahanishwa umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose.

Tubibutse ko umurwi Goodlife wari ugizwe n’abaririmvyi babiri aribo Weasel na Radio wakunzwe cane n’abantu batari bake haba mu Buganda ndetse no mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko canecane indirimbo zawo nka Amaaso, Zuena, Nakudata, Bread and Butter, Ability n’izindi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756