BurundiArchitectureDecoratingDesignDevelopmentEntertainment2homepagekirundiSports2Techyouth

Ugushushanya navyo ngo bifise uruhara runini mw’iterambere ry’Igihugu.

Uburundi ni kimwe mubihugu vyo mukarere ka Afurika y’Ubuseruko gifise urwaruka rufise Impano kandi nyinshi zitandukanye aho tutosiga inyuma Impano yo gushushanya canke ugucapa.

Bamwe ngo babifata uko bishakiye kuko batazi akamaro kavyo kuri nyene ukwo gucapa ndetse no ku gihugu bigatuma habaho ukutabihurumbira maze n’Ababikora ntibabibonemwo akunguko.

El Quintino we asanzwe akora ico gikorwa aravuga bimwe mubikwiye gukorwa ndetse n’Akamaro ko gushushanya canke gucapa.

El Quentino ati :
Art ni ndende ariko igisata co gushushanya nico ubona ko kiri inyuma cane bivuye kukudashigikirwa no kuba ari igikorwa kititaweho cane, ariko Ubushikiranganji bw’Inkino n’imicokama burakwiye gufata iyambere mugukarisha ubwenge bw’ico gisata kanatsinda ko mubindi bihugu bamaze gutahura akamaro ka Art murwaruka rero niko kanya ko kugira ngo natwe Abarundi tubikunde tunavyiteho.
Akarorero bigira nuko bivanye n’igicapo washushanije birafasha cane nka harya mumazu y’Ubudandaji usanga hari ibisharizo vyerekana akaranga ko mumahanga ugasanga habonetse ibishusho vya hano iwacu vyanakozwe n’umwana w’igihugu hako usanga huzuye amasanamu yerekana Inyubakwa za kizungu kandi natwe dushobora gukora ibisa nk’ivyo bakora
Aho naho kenshi akamo tugatera abo banyamitahe baja hanze cane ugasanga hari ama Tableau baguriye hanze kandi bari gukorana natwe maze bikaba urudandazwa rw’iterambere kugihugu n’Umwana w’Igihugu

El Quintino asozera agira ati:
Ivyo navyo ntibishobora kuhaba hatabaye urukundo rumwe n’Intumbero yo kugira duteze imbere ivyacu ndetse n’Abanyamahanga baza bakabona ivyakorewe hano.
Dukunde ivy’Iwacu tunashigikire Abana b’igihugu bizoheza bitugeze aho twipfuza gushika

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770