EntertainmenthomepagekirundiWorld News

Ugusoma umubikira vyatumye bamwibazako vyinshi

Mu kumusoma yabanje kwanza kumubaza ko adahava amurya kuko yaheruka guhura n’ivyago vyo gukwegwa ukuboko n’umukirisu yari mubo yariko aramutsa.

Mu gihe yaheruka gushikirwa n’ibibazo agakubita udukofe ku kuboko k’umwe mu bakirisu bari bitabiriye igikorwa cabereye mu kibanza bita Saint Pierre i vatikano, ivyo yanahavuye asabira imbabazi, Papa Francis yahavuye yemera gusoma uwundi mukirisu.

Nkuko amakuru dukesha CNN abishikiriza, ngo Papa yasabwe n’umubikira kumusoma noneho, nawe amubaza ko ataryana, ariko amwemerera kumusoma mu gihe yomwizeza ko ata kuguma hamwe.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe imbere yuko kwinjira mu mwaka wa 2020, Francis yagize ivyago aho yariko aramutsa abantu, umugore amukwega ukuboko, ashaka ko amuramutsa.

Ico gikorwa nticamworoheye ko acihanganira, asanga yamukubise udukofe ku kuboko, ngo bikunde uwo mugore amurekure. Iyo Video y’akanya gato ikaba yahavuye ikwiragizwa hirya no hino aho berekana Papa akubita uwo mugore.

Ariko naho biruko, Papa Francis  yahavuye abisabira imbabazi mu nkuka y’imisa yariko aratanga i Vatikano, aho yamenyesha ko nawe ari umuntu nk’abandi bishika akababara, agasanga yifashe ukutariko.

Papa Francis akaba ari umwe mu ba Papa bahinduye ibitari bike muri Ekleziya Katolika. Hakaba harimwo ukwanka ivyubahiro bikomeye bamuha, birimwo ikibanza abamwo, umunyamabanga wiwe bwite, gutwazwa isakoshi n’ibindi bitari bike.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769