Entertainmenthomepage

Ugutuka Big Fizzo bisa n’ukuribwa n’intozi

Uwukoreye canke akavuga Big Fizzo nabi, ngo ashobora gukorerwa nabi mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo n’ivyo biheruka gushikirizwa n’umuririmvyi yitwa Mr Lee mu kiyago aheruka kugirana na webtv yitwa TYS TV.

Ku batabibonye, hari umuntu aheruka gushirwa ku rubuga rwa Instagram rwa wa mu Fans akaba n’umu Promoter akomeye wa Big Fizzo, Yassin, anerekana n’ivyo yashikirije muri Commentaire ya YouTube ya ya Ndirimbo Ngangari aheruka gusohora.
Uwo musore w’umuririmvyi yanditse atuka Big Fizzo ku muvyeyi wiwe, ariko Kandi anavuga ko iyo ndirimbo ya Big Fizzo atari Indirimbo nziza na Gato.
YAtanguje igitutsi Kuri mama wa Big Fizzo, noneho agira ati :” iyo song n’iya ulofa wallah, ungesarenda mapena tuu, ukiendelea na Huyo Mtindo Utamaliziya carrière yako vibaya, Ndavuga si mvura.”
Agace kavuga ku muvyeyi wa Big Fizzo Niko kabaye kabi, kandi niko Kari kamukozeko. Nkuko yabiyagiye Le capitaine de la Capitaine, ngo bukeye vyaraye bibaye ngo yaronse ama Message n’ubutumwa bwinshi bamutuka, bamutera ubwoba abandi bamubaza igituma yamututse, bimutera gucanganyikikirwa, ku buryo na Message ya Big Fizzo ngo atanayibonye.
Nkuko bishikirizwa n’uwo musore nyene ngo yageze kubona ubwo butumwa abibwiwe na Kingorongoro, aja kwisigura Kwa Big Fizzo asanga nawe yamublotse.
Naho izina riboneka ari iryiwe, Kandi na Compte iboneka ngo ari rwiwe uwo muririmvyi arahakana ko atariwe yavyanditse, ngo ababikoze n’abashaka kumuteranya na Big Fizzo. Akongerako ko ababikoze atabo azi.
Insiguro atanga ngo nuko yaciye muri Management nyinshi, ngo anafise Password ziwe ngo ari benshi, ngo arico gituma adashobora kumenya vy’ukuri uwabimukoze uwariwe.
Nayo Big Fizzo mu butumwa yari yamurungikiye ngo yamubajije ico bapfa ku buryo amutuka Kuri Nyina, ngo nimba gihari n’abimubwire noneho abone gusaba ikigongwe.
Mu kiganiro Simbizi aheruka gukorana na Landry Promoter, akaba yamenyesheje ko Big Fizzo muri Message aheruka kumushikiriza ngo yamubwiye ko ukumutuka n’ukumuvuga nabi, ataco bimitwara ariko ngo ntihagire umuryango wiwe bashiremwo.
Nayo bamubwiye ngo atange impanuro ku baririmvyi bagenziwe, akaba yababwiye ko ibi bimubayeko vyobabera icirwa.
Ubu rero bikaba bigoye kuvuga ibizoca bikurikira, kuko Big Fizzo ntana hamwe arabishikiriza, canke ngo hagire uwo muri Team yiwe asubira kubivugako.
Aha mukamenya ko Mr Lee yamenyesheje ko Big Fizzo yari yamwemereye kuzomushigikira mbere na Collabo bakayikorana, ariko ngo yari yamusavye ko yobanza Kwanza agakora cane.
Ibi bikaba vyakurikiye ugushaka Kwa Mr Yassin, ko iyo ndirimbo yari yakwije Views 100,000 ku musi umwe, mu misi 3 yoba yakwije Views 300,000 ariko bikaba bitabashije gukunda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707