homepagekirundi

UK : Inkozi z’ibibi ruhasha z’abanyamahanga zigiye kuza zirungikwa muri Nigeria

Mu gihe Leta y’Ubwongereza yaheruka gushira ahabona ko yagiriraniye amasezerano n’igihugu c’Urwanda, yo kurungika abariko basaba ubuhungiro muri ico gihugu, kugira ama Dossier yabo yigwe ariko bari mu Rwanda, ico gihugu ngo cagiriraniye casubiye Kandi kwerekana ayandi masezerano cagiriraniye n’igihugu ca Nigeria.

Ayo masezerano ngo azoba agamije kurungika muri ico gihugu abasavye ubuhungiro muri ico gihugu, ariko barenze ku mategeko agenga abimukira muri ico gihugu.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu mu bwongereza, Priti Patel, yavuze ko agamije kwirukana inkozi z’ibibi ruhasha z’abanyamahanga, kugira amabararaba y’ico gihugu agire umutekano.

Ayo masezerano akaba yagiye ahabona inyuma makeya hirukanywe abanya Nigeria bashika 10 ngo bari barenze ku mategeko agenga abimukira.

Ayo masezerano Kandi agiye ahabona mu gihe indege ya mbere yari kugeza abimukira mu Rwanda mu mugambi w’ubwongereza, Rwanda Asylum Plan yahagarikijwe na Sentare y’agateka ka Zina muntu yo ku mugabane w’Uburayi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755