HealthhomepagekirundiWorld News

Uko Coronavirus yatanguye kwibonekeza mu Butariyano imbere y’uko itangazwa

Abahinga b’Abatariyano bavuga ko umugera wa coronavirus watanguye kwibonekeza mu kwezi kwa Kigarama mu mazi atwara imicafu yava mu bisagara bibiri, imbere y’uko ico kiza gitangazwa muri ico gihugu.

Ikigo c’igihugu kijejwe amagara y’abantu (ISS) kivuga ko amazi atwara imicafu yava mu bisagara vya Milan na Turin yatanguye kubonekanamwo uwo mugera ku wa 18/12/2019, ico gihe ntiwari bwanatangazwe mu Bushinwa aho bizwi ko ari ho watanguriye.
Ico kigo congerako y’uko hari ivyemezo biva mu bindi bihugu vyerekana ko uwo mugera wari watanguye gukwirakwira hanasigaye n’igihe kinini imbere y’uko umenyekana.

Uwo mugera watanguye gutangazwa ubwa mbere mu Bushinwa mu mpera z’ukwa 12, mu gihe mu Butariyano hoho umuntu wa mbere yanduye iyo ndwara yatangajwe hagati mu kwa kabiri.

Mu kwa gatanu guheze, abahinga b’Abafaransa bavuze ko ibipimo vyafashwe ku murwayi yikekwa ko yari arwaye umusonga ku wa 27/12 hafi y’umugwa mukuru Paris vyerekana ko yari yamaze kwandura uwo mugera.
Muri ico gihe nyene mu gihugu ca Espanye, ibipimo vy’amazi atwara imicafu vyakozwe hagati mu kwa mbere mu gisagara ca Barcelona, iminsi 40 imbere y’uko ico kiza kimenyekana muri ico gihugu, vyerekana ko ayo mazi yarimwo uwo mugera.

Muri ico cigwa c’ikigo ISS mu Butariyano, abahinga bakoze ubushakashatsi ku bipimo 40 bafatiye ku bigo bishikizwamwo amazi atwara imicafu mu buraruko bw’Ubutaliyano hagati y’ukwezi kwa cumi 2019 n’ukwa kabiri 2020.
Ibipimo bafashe mu kwa cumi n’ukwa cumi na rimwe nta migera vyarimwo, ivyo bikerenaka ko uwo mugera utari bwahashike, nk’uko bivugwa n’umuhinga wo mu kigo ISS Giuseppina La Rosa.
Umupfasoni La Rosa avuga ko ubwo bushakashatsi bushobora gufasha abahinga gutahura ingene uwo mugera watanguye gukwirakwira muri ico gihugu.
Umuntu wa mbere yatanguye gutorwamwo uwo mugera atavuye hanze yari umurwayi wo mu gisagara ca Codogno mu ntara ya Lombardy.
Ico gisagara caciye cugarwa ku wa 21 z’ukwa kabiri.

Ibindi bisagara icenda vyo muri iyo ntara vyahavuye navyo vyugarwa, mu nyuma mbere n’igihugu cose kirugarwa mu ntango z’ukwa gatatu.
Ikigo ISS kimenyesha ko ubwo bushakashatsi bwerekana “akamaro ntangere” ko gupima amazi atwara imicafu mu nzira yo gutora uwo mugera imbere y’uko amavuriro avyemeza.
Ibihugu bitari bike biriko birakoresha ubwo buhinga.

Mwomenya mo mu gihugu c’Ubutariyano, hafi abantu 35.000 nibo bamaze guhitanwa na Covid-19 nk’uko bitangwa n’ishure kaminuza Johns Hopkins rikurikiranira hagufi ibijanye n’uwo mugera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755