Basketballgroups-at-messagekirundi_SportsSport

Uko ihiganwa ryatunganijwe n’Abakinyi ba basketball ryagenze.

Mu ntumbero yo gufasha abashikiwe n’ikibazo c’umwuzurira w’amazi mu Gatumba na Buterere Urunani rw’abakinyi ba Basket-ball mu Burundi rwaratunganije ihiganwa rikaba ryarangiye kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 25 Mukakaro 2020.

Urukino rwa Final kubahungu rukaba rwahuje Team Wallace na Team Savuka , urwo rukino rukaba rwarangiyeTeam Wallace itsinze ku manota 72 kuri 69 ya Team Savuka inyuma y’umwanya aho ni nyuma yaho iyo migwi urukino rurangiriye yose inganya amanota 60kuri 60.

Urukino rwakurikiye rwahuje imigwi y’abigeme Heatwave na Lightning , urwo rukino rukaba rwarangiye ku ntsinzi y’amanota 47 y’umugwi Lighting kuri 35 ya Heatwave.

Inyuma y’izo nkino za Final ku bahungu n’abakobwa , mu kuryosha ivyo birori haciye haba urukino rwahuje umugwi w’ abakinyi beza batowe mur’iryo higanwa (Select Team) hamwe n’abakinyi b’umugwi nserukiragihugu (National Team).
Urwo rukino rwarangiye ku manota 63 y’umugwi nserukiragihugu kuri 60 y’umugwi w’abakinyi bigenjeje neza mw’ihiganwa rya Bujumbura bita Select Team.

Hakizimana Elvis yaserukiye abakinyi yasavye abarongoye imirwi n’amashirahamwe y’inkino ko umukinyi yohabwa agaciro gakwiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 291