homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

Uko Mutima le comédien abona ivya Sat_B na Big Fizzo

Ni mugihe hirya no hino bivugwa y’uko abo baririmvyi babiri Big fizzo na Sat B badacana uwaka, bamwe bikabasiga, ngo kubera iki iyo umwe asohoye indirimbo hataboneka gushigikirana kandi ugerageje kuraba ku mbuga zabo bashigikira abandi baririmvyi bitandukanye n’ukuntu bobo bashigikirana bigatuma babona ko hoba hari ikitagenda neza.

Si agaseseshwa rumuri hari haciye n’igihe kirekire badashobora no kuboneka bari kumwe akarorero nk’ifoto bifotozanije canke ikibanza baboneka bari kumwe, ndetse no mubiganiro bagenda barakora ikibazo cerekeye umubano wabo ntavyinshi bashima kukivugako, bikaba ari navyo vyatumye benshi bavuga ko bafitaniye urwanko ivyo vyavurwa cane n’abakunzi babo ( aba fans).

Ivyatangaje benshi nuko igenekerezo rya 29 Ruheshi uyu mwaka habonetse ku rubuga rwa Sat_ B amafoto bari kumwe na Big Fizzo aherekejwe n’amajambo avuga ati: “Karum na Mugani yeeeeh I love u Brother♥️.”, ivyo bikaba vyanditswe na Sat-B.

Ubundi ibibazo ntivyabuze bamwe mubagiye bandika muri commentaire berekana umunezero bafise kubona abaririmvyi babo bari kumwe abandi ngo kuberiki Big Fizzo wewe atabishize ku rubuga rwiwe yoba ariwe afise ingorane?

N’ubwo ibibazo ari vyinshi Mutima wewe si uko abibona yanditse agira ati:”Sat-B na Fizzo barahuza ikibazo nyamukuru ni ivy’ubu bugingo bibatwara bigatuma batifotozanya kenshi.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755