homepagekirundi_Sports

Uku niko Bumamuru iriko yitwara muri Primus Ligue

Inyuma yaho Umurwi BUMAMURU utsindiwe mw’ihiganwa rya CAF CHAMPIONS LEAGUE usubiye kuronka inota rimwe ku kibuga Urunani mu ntara ya Cibitoke.

Kundwi ya gatandatu mw’ihiganwa rikuru ry’igihugu Primus Ligue Burundi, kw’igenekerezo rya 24 Nyakanga 2023 mu ntara ya Cibitoke, Ku kibuga Urunani, Umurwi BUMAMURU wari wakiriye Umurwi wo muntara ya Rutana Umurwi MOSO SUGAR, urukino rurangira ari igitsindo kimwe Ku kindi (1-1).
Bumamuru mu nkino zitanu ufise amanota 4,Ukaba uri mu kibanza ca 13.

Ni mugihe Umurwi BUMAMURU uherutse gutakariza urukino rwobo rwa mbere mu gihugu ca Tanzaniya mw’ihiganwa CAF CHAMPIONS LEAGUE, uwo murwi wari wakiriye Mamelodi Sundowns wo mugihugu ca Afrika yepfo, Mamelodi Sundowns utsindira Bumamuru mu gihugu ca Tanzaniya ibitsindo bine K’ubusa(4-0).

Tubibetse ko Bumamuru uriko uritegurira urukino rwo gusubiriza,urukino ruzobera mu gihugu ca Afrika yepfo, aho Mamelodi ikinira ihiganwa ryabo mu cicaro ca mbere.

Urwo rukino rukaba ruzobahuza kw’igenekerezo rya 30 Nyakanga uno mwaka igihe c’isaha cumi na zibiri z’umuhingamo(18h).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807