Burundicultureculture_promotekirundi

Uku niko hatunganijwe amatora mu mugwi Ndangakaranga AMAGABA

Kuri uyu wa mbere MUKAKARO 2020 (01/07/2020) niho mu umugwi ndangakaranga AMAGABA baramuka bakora amatora ya bose yo kwitorera indongozi nshasha zigiye kurongora uwo mugwi.

Nk’uko bisanzwe kw’igenekerezo rya mbere MUKAKARO uko imyaka ibiri itashe haratunganywa amatora mu mugwi Ndangakaranga AMAGABA aha uburenganzira uwo wese ari muri uwo muryango kwitorera Indongozi yiyumvamwo ko yobaserukira nk’umukuru w’uyo mugwi.

 

Enock NZOHABONAYO yahora arongoye uwo mugwi mukiringo c’imyaka ibiri kuva mumwaka wa 2018 gushika muri uyu mwaka wa 2020 agiye gukorerwa mu ngata na mugenziwe Innocent NTIHARIRIZWA,

 

Mu matora yo kuri uyu wambere MUKAKARO uwu mwaka turimwo wa 2020 niho Innocent NTIHARIRIZWA yaboneka nk’uwitoza umwe rudende aho atawundi bariko barahiganwa, bikaboneka neza ko ayo matora bari babwirizwa gukoresha ikarata yanditseko EGO na Oya

Aho muba nyamuryango 35, mirongo itatu na babiri 32 aribo bamwemeje mugutora EGO na batatu 3 batoye Oya.

 

Mw’ijambo ryashikirijwe na Enock NZOHABONAYO yashimye uko amatora yagenze neza ndetse akanakeza uwo murongozi mushasha agiye kubana n’uwo mugwi mukiringo c’imyaka ibiri nk’indongozi yawo.

Munyuma niho yamushikiriza inkaratasi  (documents) z’ivyaranguwe nivyo bagomba kurangura batashitseko kugira ngo Innocent NTIHARIRIZWA azoce abandanyiriza aho mugenziwe Enock NZOHABONAYO yagarukirije.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 504