footballhomepageInkinokirundi

Ukugura Lionel Messi, kwoba kwabaye ukwihenda canke?

Igurwa rya Lionel Messi n’umugwi wo ku mugwa mukuru w’ubufaransa PSG, abatari bake baribaza nimba woba wari umugambi mwiza, canke barihenze inyuma y’amezi atari make uwo mukinyi ariko arakinira uwo mugwi uri mu yifashe neza kw’isi. 

Nkuko bisikirizwa n’ikinyamakuru c’abafaransa, mu mezi 6 gusa, umugwi wa PSG ku bijanye n’ubutunzi, winjije amafaranga menshi cane gusumba ayo wabashije kwinjiza mu mwaka uheze. Ikindi uwo mugwi ukaba uno musi uriko wipfuzwa n’abatari bake ngo bakorane, igica gituma uwo mugwi naho uhagarara neza gusumba.

Ikindi ico kinyamakuru gishikiriza n’uko uwo mukinyi Lionel Messi muri aya mezi 6, umupira yambara wadandajwe ku bice birenga 60% ugereranije n’uko iyindi mipira iriko iragurishwa.

Ariko naho wumva ku kijanye n’amafaranga gihagaze neza, ku kibuga ho nta kigenda, kuko uwo mukinyi biboneka neza, ko atarabasha kubona ikibanza ciwe muri uwo mugwi uno musi uharurwamwo ibihangange bitari bike mu mupira w’amaguru.

Mu gihe muri Barca yahora akinamwo abantu bose basa n’abamufasha kuja gutsinda canke gukina neza, muri uwo mugwi wa PSG ho ngo biratandukanye cane kuko asabwa gukinana n’abandi apana ko bamukinira.

Uno musi rero ikibazo cibazwa ni none ukuzana uwo mukinyi woba wabaye umugambi mwiza canke kwabaye ukwihenda?

Mukibuka ko uwo mukinyi afise amasezerano n’uwo mugwi ashika mu mwaka wa 2023, aho muri Ico gihe afise umugambi wo gufasha uwo mugwi gutwara igikombe cabo ca mbere ca Champions league.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 864