BurundiEntertainmentkirundimusic

Ukuri ku bivurwa kw’iyinjira rya Fabelove muri Empire Avenue Lab

Fabelove na Sat-B ubu imigenderaninire ni myiza cane naho vyashitse bagacanamwo ngo  ntazibana zidakomanya amahembe.

Inyuma y’indirimbo Master umuririmvyi  Fabelove yasohoye ururirimbo Hange  indirimbo yakorewe muri Empire Avenue ikiza kwerekana kandi ko  icuka ari ciza hagati yiwe n’umuririmvyi Sat-B. Umubano wabo ukaba wari ugeze habi aho vyari  bigeze naho  baterana amajambo , gushika naho bija  mundirimbo, ndetse no ku nsamirizi.

Fabelove akaba yarahiye ararerwa ko atari muri Empire Avenue ahubwo ari incuti ,Sat-B akaba ari nka mukuruwe  naho vyigeze gushika bagacanamwo ariko ngo  ni ibishika, ubu bakorana neza ngo ntazibana zidakomanya amahembe.

Mu kiganiro gito yagiraniye na Indundi magazine abajijwe ko indirimbo Hange yakorerwa muri Empire Avenue yoba ari ikimenyetso cuko yinjiye muri uwo muryango,  yishuye  avuga ko bamufashije gukora  iyo ndirimbo muri studio yabo gusa  atarinjira muri uwo muryango  kiretse ko bakorana nk’abagenzi kandi ngo igihe yo kwinjiramwo bobimenyesha abakunzi b’umuziki ndundi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 587