JusticekirundiUncategorized

Ukwiga amategeko gusa biramaze kugira umuntu abe umucamanza nyawe?

kuko vy’ukuri ukuba umucamanza bitoshobokera uwutize amategeko, nico gituma atawoba umucamanza atize amategeko. Ivyo biri uko kuko mu guca urubanza hajamwo igihande c’ukumenya uko amategeko ategekanijwe ku bijanye n’ico caha cakozwe canke ayo matati yavyutse.

Yamara rero, umucamanza kandi muguca urubanza, hariho igihande kinini kitajanye n’ubumenye ( sience) akoresha mu guca urubanza. Ivyo biri uko, kubera ko , Umucamanza afise ububasha bw’ukwihweza ( Pouvoir d’appréciation).

Iyo urubanza ari urw’icaha, umucamanza arafise ubushobozi bw’ukwihweza ivyo vyose bikikije ikorwa ry’ico caha, maze gutyo akaraba afatiye ku nyifato no ku mvo hamwe n’ibindi bitari bike , yuko atoheza ngo atoremwo ibiza bwa  nyongererezacaha canke Ngabanyacaha.

Ubwo bushobozi rero ahabwa n’amategeko abukoresha atankomanzi canke inzitizi na nto agize , nta muntu ashoboye kumutera igitsure ngo ruce kuno canke kuriya kumwe mu kirundi baca umugani ngo igitsure c’umugabo gihakuza bunini.

Biramutse bishitse naho hakaba nk’ivyoza kumubera inzitizi, bwa gitsure biti utaruciye gutya uribonerako, yaba ivyo wenyene yumvise canke yikanze, araheza agaca aba abaye umucamanza agowe ( malheureux) kuko biba bisa nk’uko bamukuye agahuzu, agahuzu mbere kandasanzwe. Aba abaye nk’agashurwe banunuje akamoto canke uruyuki rukuwe uruboyi kuko uko kwoca gusa nk’ukwakwa intahe.

Ivyo biri uko kuko ubutunga kugira bukore neza bwama na ntaryo bwigenga kugira gutyo abacamanza ntibashikirwe na mwen’ayo masanganya twibaza ko ashika gake.

Igihambaye kibera ciza cane uwagirizwa icahe canke uwo wese yituye umucamanza ngo amutunganirize, coba ic’uko yohura n’umucamanza arabira mu marori adafise amabara. Amarori adafise amabara ya bino biyo canke ya biriya kuko, ingingo aheza agafata yohava isanga yahuye n’isanganya ry’ukugira ibara risa na bino canke ririya bimwe abantu boheza bakabona uko ruciwe  bikabagora gutahura  bagaca bavuga buhorobuhoro, kandi bifashe ku munwe bati :NI IBARA!

Hejuru y’ukwiga amategeko, umucamanza ategerezwa kuba afise ubundi butore bujanye na kameremere kajanye n’ubuntu bwiwe ;  umugabo w’ijambo n’ijunja, afata intahe ntajugumire akayishinga neza na neza aho yategerezwa gushingwa.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 491