East Africa NewsHealthhomepagekirundiMagic Soldier KingorongoroMireille KAMI

Ukwisiramuzwa kw’abashingamateka batarabikora kwateje uruhagarara muri Tanzania

Habaye ukutumvikana hagati y’abashingamateka muri Tanzania kubera ukwigenyeza, Ugusiramurwa. Ivyo bikaba vyasabwe n’umugore w’umushingamateka, ashigikirwa na mugenziwe ariko umwe mu bashingamateka b’abagabo avyamirira kure.

Amakuru dukesha ikinyamakuru BBC avuga ko mu gihe hariko haganirwa uburyo bwo guhagarika ukubandanya gukwirakwizwa kw’umugera wa SIDA muri ico gihugu ca Tanzania, umwe mu bashingamateka yasavye ko abashingamateka b’abagabo batarisiramuza bobikora.

Ico kikaba casabwe mu gihe umuryango mpuzamakungu uraba ivy’amagara y’abantu OMS umenyesha ko umugabo yisiramuje afise amahirwe angana 60 kwi 100 y’ukudafatwa n’uwo mugera.

Abashingamateka Jackline Ngonyani na Joseph Selasini bakaba aribo bashigikiye uwo mugambi w’isuzumwa ry’abandi bashingamateka kugira uwutarisiramuza asabwe kubikora. Ariko uwundi mushingamateka we, Joseph Kasheku, akaba we avyamirira kura.

Ivyo bikaba bisabwe mu gihe muri ico gihugu abakuze 5 kw’100 banduye uwo mugera wa SIDA. Ivyo biharuro bigaca bigishira mu kibanza ca 13 kw’isi ku rutonde rw’ibihugu bifise abarwayi benshi nkuko amatohoza yakozwe muri 2016 abishikiriza.

Aho mwomenya ko ibihugu bitari bike vyo muri Africa ngo vyahimirije abanyagihugu bavyo kwisiramuza, kugira barwanye ugukwirakwira kw’uwo mugera. Muri Kenya abashingamateka bamwe bamwe bo bakaba barafashe iya mbere mu kwisiramuza kugira bahe akarorera abagabo bakomoka mu bwoko bavamwo. Aho hakaba hari mu mwaka wa 2008.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756