homepage

Umu Diaspora yihaye ihangiro ryo kugwanya inzara y’igisahira ahereye Ku mutumba aho avuka.

Mu gihe hasigaye imisi mike kugira hahimbazwe indwi yahariwe abarundi baba mu mahanga Myandagaro 2023, uruganda rwa Indundi TV rwa vumbuye umu diaspora w’invukira ya Ruyigi , aba Ku mugabane wa America ariko ateza imbere aho yataye Uruzogi Ku muvuduko udasanzwe.


Viator Ndikuriyo kumwe n’umufasha wiwe Dionezia Manirakiza Inyuma yo gukora uruganda ruhingura imbaho n’ amakara , bateye ama hegitari n’ama hegitari y’ibitoke vy’ibisahira.
Impanvu yivyo bisahira ngo n’uko iyo bari mu mahanga aho ukirabutswe kizimvye cane, kandi yavutse abona iwabo vyimeza, mu nyuma ashitse kugatumba asanze vyarahonye aca atangura kubigwiza Ku Mutumba Biyogwa Agacimbiri Ntaruka.

Si ivyo gusa Kuko i Muriza hoho yahashinze i sosiyete izw’i kw’izina rya VIDIFACOM ikaba ihingura amatoni atari make y’ amakara avuye mu micafu aramba kandi azimbutse Ku musi, uhashitse wakigwa n’ugwamo gw’ama mashine, akaba Kandi ari n’umurimyi w’ibiti akongera agahingura imbaho .

VIDIFACOM mu mugambi ya vuba cane ikaba igiye gutanguza inyaja z’amafi mu ntara za Gitega na Ruyigi, Ubwo bworozi bakifuza ko bwofasha abarundi, ndetse bakazoronka n’umwimbu njabukamazi.

Ku boba bifuza kumenya vyinshi kuvyerekeye uwo mu diaspora ariko atanga akazi Ku gwaruka mushobora kurondera umuserukizi wa Viator : +257 66 44 20 81

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671