BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Imyaka Big Fizzo avuze barayanse

Muri uku kwezi abaririmvyi batari bake bakaba bagize amasabukuru y’amavuko, Barimwo Big Fizzo yayigize uno musi wa Kabiri. 

Hampande y’abandi, Big Fizzo we akaba yahavuye ashira ahabona imyaka y’amavuko akwije, bitandukanye n’ivyo yahora Akora.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Whatsapp Big Fizzo yanditse ashimira Imana, anagirako avuga imyaka akwije, nkuko tubikesha umu Promoter akaba n’umufana wiwe wa mbere, Yassin. Big Fizzo yanditse agira ati :” Ninde afise Nkibi ngo duhaye!!!?? -45- I Thank You Lord.”

Uyo mugabo akaba avuze imyaka yiwe mu gihe abantu batari bake bahora badahuriza ku myaka uyu Mugabo ari mu baririmvyi ba hano iwacu bafise abana batari, afise.

Ababashije kubona iyo Post ya Yassin, ntibaretse kugira ico bashikiriza, aho bamwe bavuze ko Big Fizzo iyo myaka atariyo, ngo ashobora kuba ayirenza, abandi bo mu gutwenga bakaba bavuze ko bayicuritse, ngo afise 54.

Abandi n’abo bavuga ko abokwemera iyo myaka Big Fizzo yashikirije, ngo Ari abana bacaruka, nayo abakambwe ngo barabona ko iyo myaka Mugani ashikiriza atariyo na Gato.

Abandi babonetse bakaba bavuze ko Big Fizzo, anganya imyaka n’abana n’umuririmvyi w’igihangange muri Congo,Fally Ipupa.

Abandi n’abo bakaba bavuze ko abaririmvyi bacaruka b’abarundi bagifise ibibazo bikomeye, kuko Big Fizzo agifise imyaka yo gukora akazi, ngo abantu ntibazomukira.

Naho wumva harimwo abatavyemeye, abafana b’ukuri bamwipfurije isabukuru nziza bo ntibabuze, kuko abatari bake babashije kumwipfuriza isabukuru nziza y’amavuko.

Mu gihe abatari bake babishikiriza hakiri kare hakaba imanza aho kwinjira kenshi aba Ari amafaranga, ngo baje guhimbazanya nawe isabukuru y’amavuko, Big Fizzo we nta cavuzwe ko gihava kiba uno musi.

Big Fizzo agize isabukuru mu gihe ariko abarizwa I Bujumbura muri ino misi, kuko ukwezi kwatanguye agarutse mu gihe, inyuma y’ukumara imisi Ari ku mugabane w’uburayi.

Icari kimuzanye akaba yaraje gukora ibiteramo muri rya Sabukuru rya Festival de l’independance basanzwe batunganya, ariko abafana b’i Bujumbura batabashije kuronka akaryo ko kubona iryo sabukuru ryategerezwa guca mu ntara 3, Bujumbura, Gitega na Ngozi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 759