kirundi_SportsIKIRUNDI_news

Umu Dj wo muri Argentine yiswe umwicanyi kubera Lionel Messi

 

Umwe muba Dj bari mu birori vyitabiriwe na Lionel Messi muri Argentine mu misi iheze yiswe umwicanyi na bamwe mu Bantu bakoresha imbuga ngurukamabumenyi.

Iryo bara ryambitswe uwo mu Dj ngo ryavuye kuko yoba yifotozanije na Lionel Messi none bamutoye Corona aca bamugumana muri Argentine, kuko yagira yerekeze mu bufaransa.

Uwo mugabo yambitswe iryo bara inyuma yaho Kandi habonekeye abantu batari bake bari muri ivyo birori bari bafise Corona, abo bakaba bari mu batumire.

Uwo mu Dj nawe yetegerezwa kwerekeza muri Uruguay akaba yanditse ubutumwa bukomeye aho yavuga ko we atagwaye naho yari yazindutse aronka ubutumwa bwinshi, Aho bamwagiriza gushika kwica uwo mukinyi wabo.

Messi akaba Atariwe wenyene yagwaye kuko ngo Hari n’abandi 3 bagwaye nabo, abo nabo akaba Ari Sergio Rico, Juan Bernat na Nathan Bitumazala.

Messi akaba ngo afashwe n’ico kiza irya mbere kuva iki kiza gitera mu mwaka wa 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 275