Burundikirundi

Umucanwa w’icaduka waraye wihaye inkumbi mu gisagara ca Bujumbura

Mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere ushira uwa kabiri igenekerezo rya mbere Nyakanga umwaka w’2020, ibidandazwa ahanini bigizwe n’imfungurwa nk’umuceri, ivyamwa hamwe n’ibindi vyarahiye biratokombera biturutse ku muriro mu nzu y’idandarizo izwi kw’izina rya «Elite» iri hafi yaho bita kuri Fidodido, aho ni muri zone Rohero mu gisagara ca Bujumbura.

Abantu bahora barangurira imirimo yabo muri ico kibanza gushika ubu bakaba babuze ayo bacira n’ayo bamira kuko atakintu na kimwe bashoboye kurokora, bagasaba uwo wese abishoboye kubagarukirako kugira bashobore kwiyungunganya baronke utundi tuntu boba barakora kugira imiryango yabo ibandanye kubaho.

Mwomenya ko gushika ubu icatumye uwo muriro waduka muri iyo nzu y’idandarizo Elite kitaramenyekana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 499