Burundihomepagekirundipersonal developmentUrwevuyouth

Umugabo ahaga amazi ayivomeye :Salaire ( salt money) ntikubere uruboho!

isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Inzira mu mutwe zarabaye umuharuro. Aho dushitsa amaso, niho duheza tukifuza gushika.” Naka yarize, ahejeje kwuga aca araronka akazi , arose akazi aca arubaka, none ubu arafise imodoka hamwe n’abana, arambara ikaruvati akaja mu misa mu duga na madamu n’abanae”

Dukura turondera akazi twashize mu mutwe igihe twariko turiga. Katabonetse , tuba tugowe, duca turonka izina. Duca twitwa  twitwa  bishomeri. Iyo rero igaca iba insiguro ikwiye dushikiriza umushaha maze ukadutahura. ” Ndi umushomeri”. Umushaha uvyakiriye natwe tukiyakira, maze tugatekana.

Uti none noba nfise maitrise muri DROIT abantu bagaheza bakambona nanze ibirato? Canke nsigaye ndi umu Venderi? Uti eka da, mbega abombona bavuga ngw’iki?

Ikosa si rwawe mugenzi!  Ikosa ni icakugize ukwo. Icakwambitse ayo marori agutera kubona ibintu uko. Uri ico wagizwe n’uko warezwe n’ibigukikije. Ufise impome zikikije amabarabara waharuwe mu mutwe, mazi zikakubuza kubona ibindi kuko burya ivyo umuntu abona ni ibiri muri we nyene.

Wewe wize kugira uzoronke akazi muri Leta. Eka mbere n’uko inyigisho nyene warose zari zitunganijwe wariko utegurirwa kuzokorera Leta canke runaka. Wuze ngo uzokorere abandi.

Iyo wigishwa uzi yuko intumbero y’ivyo wiga ari ukurondera ifaranga, ivyo wiga vyose vyogutumye kurondera ifaranga gushika no kuryaguye musi y’urutara! None wize kugira uronke akazi,  ukorere abandi, naho woba uhembwa rumwe , maze ukama ku ka ” avance” kugira bakugumirize impwemu ubandanye ubakorera ntaco. Kizima ufise akazi,  kandi ufise imodoka. Naho iyo modoka ari crédit baguhaye uzoriha imyaka itanu( bumwe mu buryo bw’ukugumiza ho) ntaco kizima ufise imodoka.

Yamara naka yarabuze yahejeje amashure aca anyaragasa kurondera ivyo adandaza, arankura impuzu Uganda akazidandaza aha none afise imodoka nshasha agenderamwo atatijwe, hamwe n’izu yiwe….

Ce urwevu!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764