BurundiDevelopmenthomepageIKIRUNDI_newsyouth

Umugambi wo gufungurira abana bari mu mashure ugiye gufatwa mu mugongo

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ibifungurwa kw’isi PAM, ryemeye kuzoshira inguvu nyishi mu mugambi wo kugaburira abana ku mashure kugira bizokorwe ku mashure yose yo mu gihugu.

Ivyo ni ivyapfundikiwe mu mubonano wabaye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 Rusama 2021 hagati y’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye hamwe n’uwuserukira iryo shirahamwe PAM mu karere ka Afrika y’ubuseruko, Michael Dunfort.

Bimwe mu vyo baganiriye harimwo ibijanye no kubandanya umugambi wo gufungurira abana ku mashure hamwe no kugwanya ugufungura nabi, nk’uko bisanzwe biri mu migambi irangurwa n’umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722