Burundihomepagekirundi

Umuganwakazi Esther Kamatari yaraye atewe iteka n’igihugu

Muri iyi ndwi twaraye turangije, niho hatanguye kwumvikana amakuru ko uwo muganwakazi yagizwe umuserukizi adasanzwe w’Uburundi, Ambassadeur itti érant. Abantu batari bake bakaba bataretse kumukeza, bakavuga ko vy’ukuri ako kazi yaragakwiye.

Kamatari ku rubuga rwa X, canke Twitter, akaba nawe yabashije kugira ico abivuzeko, hampande y’ibinyamakuru bitari bike vyagize ico bivuga kuri iyo nkuru nziza.

Uwo muvanwakazi akaba yanditse avuga ko yamye na ntaryo ashigikira igihugu ciwe c’amavukiro, haba mu gushigikira abatishoboye canke mu kwerekana ishusho nziza y’igihugu ciwe c’amavukiro mu mahanga.

Kamatari kandi yanamenyesheje muvyo yashikirije ko ubu umukuru w’igihugu ashobora kumwishimikiza cane cane mu mugambi afise w’ingorondangamico y’Uburundi yo my ntara ya Gitega.

Mu kiganiro yahaye insamirizi y’abongereza, BBC GAHUZA MIRYANGO, Kamatari yashikirije ko akazi ahawe katari ako guserukira Uburundi mu gihugu kimwe nkuko bisanzwe bikorwa n’aba Ambassadeurs bahawe ayo mabanga, ahubwo ngo agiye gutumwa n’umukuru w’igihugu n’igihugu muri rusangi guseruka mu mahanga hose.

Uwo mupfasoni w’imyaka 71 y’amavuko, akaba hampande y’ayo mabanga ajejwe n’igihugu, yarigeze no kuba mu mugwi utwara kamwe mu duce tw’ubufaransa yabayemwo, kitwa Boulogne – Billancourt.

 

Hari amamaze kwisabira akazi

 

Kuva rero ahawe ico kibanza, Kamatari akaba yatanguye kuronka abamusaba ko bofatanya mu kumubera abavugizi. Aho ni nka Al Hadj Mbonabona Abdallah, yamusavye kumubera umuvugizi mu bihugu vy’abarabu, aho asanzwe amenyereye kandi ngo ahafise abo bazinanye.

Al Hadj Mbonabona Abdallah akaba Kuri Twitter yiwe handitse ko asanzwe ari mu mugwi utwara ishirahamwe ry’aba Islam mu Burundi, ariko kandi akaba n’umuhanuzi wa Mufti.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 748