BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yoya Jamal Ari mu nzira aza I Bujumbura

Issa Jamal muzi nka Yoya, ngo Ari mu nzira agaruka I Bujumbura guteramisha abafana biwe.

Nkuko uwo mugabo aheruka kubiyagira BBC Gahuza miryango, ngo hari abariko barategura umuzo wiwe, ngo hasigaye utuntu tumwe tumwe batarahurizako, kugira noneho abafate rutema ikirere ngo aze.

Yoya Jamal aheruka gusohora Indirimbo yise TINA, nayo yakunzwe nka Nyakabiga yaheruka gusohora haraheze amezi 6, kuko mu misi 7 gusa imaze kurabwa n’abarenga 70,000 ku rubuga rwa YouTube rwiwe.

Jamal muri ico kiganiro yagiranye n’iyo nsamirizi yo mu Bwongereza aho asanzwe aba, akaba yagarutse ku misi yaciye hagati y’indirimbo Nyakabiga na Tina, aho yavuze ko TINA atashaka ko isohoka ari amajwi gusa, ahubwo yashaka ko isohokana n’amasanamu yayo.

Uwo mugabo yanavuze impamvu yatumye adashobora kuboneka mu kiringo c’imyaka 3 yamaze adasohora Indirimbo. Jamal yavuze ko igituma ngo kwari kubera yategerezwa kwitaho abana, kuko bari bakiri bato.

Muri iyo nkuru dukesha BBC hanavuzwe ko ya masanamu ya TINA yafatiwe mu bwongereza mu bisagara vya Manchester na Londres.

Yoya ntiyigeze avuga nimba afise umugambi wo kubandanya asohora Indirimbo zirikumwe n’amasanamu, kuko ico gikorwa abafana batagiheruka, canke nimba agiye gusubira kandi gusohora buri gihe.

Muri ico kiganiro nyene Yoya yavuze ko akumbuye Uburundi ariko agakumbura cane Nyakabiga na Muyinga iyo avuka.

Ku batavyibuka, Jamal akaba amaze imyaka iriko irarenga 8 adahonyoje ikirenge mu Burundi, akaba kandi asa n’uwumaze imyaka nkiyo nyene adateramishije abarundi canke abanyarwanda mu bihugu vyabo vy’amavukiro.

Yoya Jamal akaba aheruka muri kano karere agarutse gutora umwana wiwe yavyaye akiri muto, amakuru twahawe akaba avuga ko yamutoye mu Rwanda, aho hakaba hari imbere y’ikiza ca Covid 19.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760