Inyuma yo gutsindwa impaga na Fus de Rabat bivanye n’uko wategetswe gukina wambaye umbwabaro uriko logo ya Visit Rwanda muri rya higanwa rya BAL ryariko ribera muri Africa y’epfo , umugwi wa Dynamo wahavuye usezererwa muri iryo higanwa .
Kuri uyu wa kabiri Igenekerezo rya 12 Ntwarante 2024 umugwi wa Basketball Dynamo BBC wasezerewe mw’ihiganwa rya BAL4 rimaze imisi ririko ribera muri Africa y’epfo mu gisagara ca Pretoria .
Abakunzi b’urukino rw’umupira w’amaboko Basketball baridogera cane uwurongoye Ishirahamwe ry’urukino rw’umupira w’amaboko ( Basketball) Jean Paul Manirakiza bivanye n’ikete yaraye yandikiye Dynamo mukuvuga y’uko ingingo yo kwambara umwambaro uriko Logo ya Visit Rwanda idahinduka ari yayindi nyene , ivyatumye FIBA ihitamwo gusezerera uwo mugwi muri ayo mahiganwa bivanye n’uko waciye utsindwa impaga 2 ( Forfait) wikurikiranya.
Dynamo izoca iriha idahabu ry’amafaranga ibihumbi mirongo 50 vy’amadorari hamwe n’Uburundi kudasubira kwitabira amahiganwa Mpuzamakungu ya Basketball, haba ku mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba wa Baskeball canke imigwi isanzwe , Abakinyi , Abahagarikizi ndetse n’a bamenyereza nta n’umwe azosubira gukina mu mahanga mpaka ayo mafaranga arihwe.
FEBABU nayo itange ihadabu ry’amafaranga ibihumbi amajana atanu vy’amadorari 500$ .
Mwomenyako ribaye irya mbere Uburundi bufatirwa ibihano mu nkino z’umupira w’amaboko Basketball .