Élevagehomepage

Musaga: Hari umwigeme ariko arorora ibifyera

Uwatanguje uwo mugambi usanzwe utamenyerewe mu Burundi avuga ko yawutanguje mu ntumbero y’ugukingira ivyo binyabuzima. Ariko kandi anemeza ko ibifyera bishobora gufungurwa bikanahingurwamwo amavuta yo kwisiga n’imiti yoza amenyo, yamara gushika n’ubu ntaratahurwa n’ikibano .

Lynca Mugisha, umuyabaga w’ imyaka 22 aba aho ku Musaga m’ubumanuko bw’igisagara ca Bujumbura niwe yatanguje ico ciyumviro akaba ari nawe ariko ararangura uwo mugambi, hariko harahera hafi imyaka ibiri.

Yemeza ko yatanguye kubona abantu baturira ibifyē m’umwaka w’2020, aca atangura kwiyumvira kubigirako amatohoza kukwanka ko bihona ngo igisenge gikingirwe.

Yamara rero, abamubonye ubwa mbere bamwise umusazi nk’uko abandanya abisigura ; kuko bamwe batamenyereye ivy’iyororwa ry’ibifyera n’aho bifise ingaburo vyisangije.

Uwo mwigeme ntarya umunwa mukwemeza ko ivyo bifyera ariko arorora bifungugwa n’abantu co kimwe n’ibitungwa nk’uko bisigurwa na nyene uwo mugambi. Ivyo bifyera bishora kandi guhingurwamwo amavuta yo kwisiga n’imiti ikoreshwa mukoza amenyo.

Agitangura uwo mugambi ariko , uwo mwigeme avuga ko atigeze atahurwa n’ikibano, ko bamwe bamwita umusazi kuko mu Burundi ubwo bworozi butamenyerewe.

Kubera ko mu burundi abihereza ibifyera bakiri bake,uwo mworozi wavyo asaba gushikirwa kugira ashinge ihinguriro ry amavuta,akamo akagatera abanyamitahe.

Naho ibitigiri vy’abihereza ibifyera mu Burundi bikiri k’urugero ruto,uwo avyorora yabwiye Radio Indundi Culture ko ikiro kimwe ca vyo ubu gishobora kugurwa amafranga ibihumbi mirongo itatu na bitanu (35.000)vy’amarundi.

Inkuru Yanditswe na Nolis Nduwimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669