culturehomepage

Ururimi kavukire rw’ikirundi rwogarukirwa

Bamwemu baririmvyi basaba ko urwerwo nshingwa Kirundi rwohabwa uburyo kugira rushobore gukora mu kuja ruratora amajambo abereye rwongere rushoreho kazinduzi .Umwitwarariko washikirijewe mu nama umushikirangaji w’Imicokama yari yatunganije n’abasanzwe bafise impano zitandukanye hari kw’igenrekerezo rya 1 Ntwarante 2024.

Umwitwarariko ushikirizwa n’abasanzwe bafise impano zitandukanye uhagaze ko muri kino gihe rurumi rw’ikirundi rudahabwa agaciro , Napoléon Ahishakiye asanzwe arongoye uruganda rw’iyandikiro “Gusoma” anegura ko gushika ubu ataho umuntu ashobora kuvoma amajambo meza y’ikirundi kandi aryohoye .

Umwanditsi w’ibikino Mparamico (Théâtre) Arthur Banshayeko wewe avuga ko kubera ko uta rwego ruboneka  neza kugira ruje ruratora amajambo abereye kandi ahuye n’ibihe ari intambamyi kuko umwe wese aca ashaka kuvugu ikimujemwo.Uyo mwanditsi akongera akaba n’umukinyi akabona ko urwerwo rujejwe kuzigama no kuvugurura ikirundi rwoshigikirwa koko .

Umwanditsi w’ibitabo Diomède Mujojoma asanga kwandika kazinduzi yikwije ku bisata vyose vy’ubuzima biri muvyo Gira akamaro kugira ururimi rw’ikirundi rutsimbatare.

Umushikirangaji w’Imicokama Gervais Abayeho aremeza ko hari ibibwirizwa gukorwa kugira koko ururimi rw’ikirundi ruronke ikibanza rukwiriye yamara akavuga ko azobishikriza mu nama nshikiranganji.

Ivyo biruko mu gihe mu mwaka wa 2020, umukuru w’igihugu yari yatangaje ko ikirundi coja kirakoreshwa mu Manama gutyo n’ivyegeranyo bitangwa bikaja birakorwa mu rurumi rw’ikirundi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 670