Burundihomepagekirundipolitics

Umuhuza w’abarundi ahamagarira abanyepolitike gukurikirana urwaruka ruri mu migambwe yabo

Mukiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru , umuhuza w’abarundi Édouard Nduwimana yahamagariye abanyepolitike bagiye guhiganirwa kuzorongora igihugu mu matora yimirije gushira hagati na hagati mu migambi yabo umwenegihugu, kugira habe iterambere rikomoka ku mwenegihugu rikongera rikamugarukako.

Umuhuza w’abandi agakeza abashika 9 bashizwe imbere n’imigambwe yabo kugira bazokwitoreze kurongora igihugu hamwe n’abigenga nabo nyene bashikirije ko bazohiganirwa kuzoyobora igihugu.

Umuhuza Nduwimana yaboneyeho kandi guhamagarira abanyepolitike gukurikirana urwaruka ruri mu migambwe yabo kugira ntiruzokoreshwe n’abanyepolitike bamwe bamwe mu bikorwa vyo gusambura nk’uko vyagiye biraboneka muri kahise.

Kubijanye n’imigenderanire umuhuza w’abarundi Édouard Nduwimana akavuga ko Uburundi bufitaniye imigenderanire myiza n’ibihugu vyinshi. Kubwa Nduwimana ivyo bibonekera mu ngingo ’’z’agahotoro’’ zama zafatiwe Uburundi ariko ntihagire ico zishikako.

Kubijanye n’imigenderanire n’igihugu kibanyi c’Urwanda, Umuhuza Nduwimana aremeza ko imigenderanire atari myiza kandi ngo si irya mbere biba ariko bigatorerwa umuti .

“Twebwe abahuza sitwe dutorera inyishu ivyobibazo, twebwe abahuza duhuye turavugana ivyo bibazo tugaheza tugatanga ivyegeranyo ku babijejwe”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764