Burundihomepagekirundi

Umuhuza w’abarundi yaganiriye n’umushikiranganji wa mbere uburyo bagiye kuzoza bakorana

Umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yahaye umubonano, umuhuza w’abarundi aho yarajanwe n’ukumukeza n’ukuvugana nawe uburyo bagiye gukorana. Igituma ngo nuko urwo rwego ari rushasha rutahoramwo mw’ibwirizwashingiro, kandi arirwo rujejwe kugenzura ibikorwa vyose vya Leta.

Muvyo yamushikirije harimwo kumusaba gukurikiranira hafi ivyo urwo rwego ruba rwasavye abashikiranganji. Anamumenyesha ko biteguye gufashan’ugushigikira Leta Mvyeyi mu gikorwa co gutahukana Impunzi.

Inyuma y’uwo mubonano, Imbere y’abamenyeshamakuru umuhuza w’abarundi yagize ati :” Duhejeje kwakirwa na Nyakubahwa Umushikiranganji wa Mbere. Ubwa mbere kwari ukugira tuze kumukeza, ubugira kabiri kwari ukugira tuvugane bijanye n’ingene umushikiranganji wa mbere n’urwego rw’umuhuza twokorana.

Turavugana yuko igihe cose tuzoza tumukenera tuzoza tumuronka, turanavugana yuko igihe cose tugira icegeranyo duha abashikiranganji, nawe tuzoza tumuha nawene, kugira akurikirane yuko abashikiranganji bariko barashira mu ngiro ivyo tuzoba twabasavye.

Ubwa gatatu kwari ukumubwira ama Dossier amwe amwe tubona yuko Leta yoshiramwo inguvu gusumba, murayo harimwo ama dossier yo gukurikiza Imanza zicika, ugasanga ntiziriko zirakurikizwa.

Turamushikiriza ama dossier y’ababa birukanwe mu buzi bidakurikije amategeko. Turanamushikiriza ama dossier amwe amwe ajanywe n’abanyagwa amatongo agahabwa abandi bidaciye mu mategeko, hamwe n’ama dossier yaba ntahonikora batwitura bakeneye kwubakirwa, bakeneye gufatwa nk’abandi barundi, na rirya Leta Mvyeyi yavuze ko yipfuza ko umurundi wese yokworoherwa, akagira aho aba kandi akubahwa.

Twanamubwiye ibikorwa turiko turarangura cane cane ibikorwa vyo kunywanisha abarundi no kubashira hamwe, n’ibi bijanye no kugira amanama hagati y’abantu batandukanye. Tumaze imisi dukorana hamwe n’abateshejwe izabo, kugira turabe yuko twofasha gushira mu ngiro wa mugambi wa Leta mvyeyi, yuko itipfuza ko hari umurundi yoba acitwa uwateshejwe iziwe mu gihugu ciwe c’amavukiro.

Turanamubwire nuko muvyo tujejwe harimwo ibikorwa vyo kunywanisha no kuremesha amahoro, turamubwira ko twiteguye gushigikira no gufasha leta ku bijanye no gutahukana impunzi, ndetse no gukomeza ibiganiro n’umwumvikano hagati y’abarundi baba hanze harimwo n’abanyepolitique baba hanze.”

Umuhuza w’Abarundi yamenyesheje kandi ko yakengurutse cane uburyo bayaze, kuko yamwijeje ko agiye gushigikira urwo rwego na cane cane mu guha intumbero abashikiranganji, kandi bakazoza babonana kenshi ku neza y’ibikorwa basangiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764