Entertainmenthomepagekirundi

Umukuru w’igihugu ashobora kwakira DJ Paulin Vuba cane

Cristal Event itwarwa na DJ Paulin bariko barisuganya kugira baze bahure n’umukuru w’igihugu, kugira bamwereke uko Leta y’Uburundi yokwungukira mu Baririmvyi, kuko abandi bose babonana nawe ngo bararira gusa ntibamwereka inzira inyishu z’ivyo bibazo vyocamwo.

 

Abaririmvyi ngo bararenganya abanye Politique bacu, kuko bo ubwabo batazi ibintu vy’umuziki iyo bita umutwe. Ivyo n’ibiheruka na DJ Paulin aho yagaruka ku ruhara rwa Leta y’Uburundi mu kibazo c’ama VISA y’abaririmvyi.
Uwo mutware yavuze ko abaririmvyi b’abarundi ico bakora iyo bashitse imbere y’abatware, ngo ari ukubaganyira ayo bagowe, ariko batabasha kubera inyishu iyo zova.
Aha tugaca twibuka ko B Face aho aheruka guhura n’umukuru w’igihugu yasavye ko Umushikiranganji abatwara yohindurwa agahabwa uwo bahurira mu butambiro. Abatari bake bakaba baciye bamufatira hejuru, bamwe bakavuga ko kubera ryari irya mbere yabuze ivyo amubwira, abandi ngo yagiye atiteguye, abandi ngo ubwenge s’ikirenga.
DJ Paulin yavuze ko we n’umugwi atwara ngo bariko barategura umugambi bashima kuzoshikiriza umukuru w’igihugu, ngo baramutse bahuye nawe. Akaba yaboneyeho akaryo ko gusaba ngo azofashwe ahure n’uwo mutware.
DJ Paulin muvyo yashikirije muri ico kiganiro, nuko ngo uwo mutware ngo akwiye kwerekwa uburyo Leta ishizwe ama Miliyaridi mu Muziki wa hano iwacu, Uburundi buzokwunguka ayarenze mu myaka iri imbere, ngo aho niho bizokunda ko igihugu gikurikira abaririmvyi.
Aha mukamenya ko uwo mutware wa Cristal ariwe afatanije n’abandi bategura ibiteramo, bariko bararaba ko bokora ibishoboka ngo batwara abaririmvyi 3 b’abarundi muri Canada gukora ibiteramo, Kandi ngo icizere kirahari.
Aha mukamenya ko uwo mutware yaheruka gushikiriza ko hazogenda abasore 2 n’umukobwa 1 muri ivyo biteramo, vyari kuba mu mwaka wa 2020 ariko bikaza gusiba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769