BurundiCooperationhomepagekirundiRwandasociete

Umukuru w’igihugu c’Uburundi ngo afise icizere gikomeye ko Urwanda ejo ruzoba rukundana n’Uburundi

Intambwe Uburundi bugezeko mu kunagura imigenderanire hagati y’abwo n’igihugu c’Urwanda ngo irashimishije. Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabishikirije mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNDD FDD riherutse kubera i Gitega.

Evariste Ndayishimiye avuga ati : « je ndafise icizere gikomeye cane ko igihugu c’Urwanda, ejo tuzoba dukundana, kuko ubu twaramaze kubona ico dupfa, turakizi. Ni ukuvuga hirya y’ejo uzosanga tubazanya ngo none burya twapfa iki ? Karya gusa niko kaduteranije ? »

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abona ko igisigaye ari uko igihugu c’Urwanda cokura mu nzira ico ivyo bihugu bipfa, ngo kubera ko gisanzwe caragiye ku mugaragaro. Yasiguye ko bitabereye ko bama bararyana kuko ngo basangiye vyinshi haba ururimi hamwe n’imico n’imigenzo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769