Entertainmenthomepagekirundi

Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yakiriye intumwa za mugenziwe w’Uburundi

Inyuma y’ukwezi umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame agendeye Uburundi, Intumwa z’Uburundi zakiriwe i Kigali mu Rwanda, aho zatwaye ubutumwa bw’umukuru w’igihugu cacu Evariste Ndayishimiye, akaba ari nawe abazwa umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko.

 

Umukuru w’igihugu kibanyi c’Urwanda Paul Kagame ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana yarakiriye intumwa idasanzwe y’Umukuru w’igihugu cacu ciza, uwo nawe akaba yari Amb. Ezekiel Niyibigira.
Uwo mutware yakiriwe mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Urwanda, akaba yarajaniye ubutumwa bwarungitswe na mugenziwe Evariste Ndayishimiye akaba ari nawe
aramutswa umuryango wa Afrika y’ubuseruko.
Ku rubuga rwa Twitter rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu bakaba ata kinini bavuze Kuri uwo mubonano wabaye, ariko icabonetse co nuko abatari bake banezerejwe n’uko umubano wa bino bihugu vyacu wasubiye Kandi kuba mwiza.
Izo ntumwa zikaba zibonetse i Kigali inyuma y’igihe kingana n’ukwezi uwo mutware nawe avuye i Bujumbura, aho yari yitavye inama idasanzwe yahuza abakuru b’ibihugu bihurikiye muri Africa y’ubuseruko.
Ico gihe icariko kirigwa ukaba wari umutekano muke urangwa mu burasirazuba bwa Congo, ariko kandi abo bakuru b’ibihugu uko ari 2, bakaba baronse nabo akaryo ko kuganiro, aho vyabonetse ko ku mpande zose y’aba ku barundi n’abanyarwanda, umunezero wari wose, kubera uwo mutware yahonyoje ikirenge I Bujumbura inyuma y’imyaka yariko irababa 10 atahashika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769