BurundiCooperationhomepagekirundisociete

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye arahoza abatanzaniya n’umuryango w’umuhisi Magufuli

Abicishije ku rubuga rwa Twitter, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yahojeje abatanzaniya bose kumwe n’umuryango usizwe na Perezida John Pombe Magufuli yaryamiye ukuboko kw’abagabo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Ntwarante 2021.
https://twitter.com/GeneralNeva/status/1372431706712633346?s=20
Perezida John Pombe Magufuli akaba yasezereye isi mu bitaro vy’i Dar es Salam ku murwa mukuru w’igihugu ca Tanzaniya, nk’kuko vyashikirijwe n’icegera c’umukuru w’igihugu kuri mboneshakure TBC yo muri ico gihugu, John Pombe Magufuli ngo yahitanywe n’ingwara y’umutima.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769