BurundiCooperationhomepagekirundi

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yafashe urugendo rwiwe rwa mbere hanze y’igihugu

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yafashe, kuri uyu wa gatandatu, urugendo rwiwe rwa mbere hanze y’igihugu kuva atowe kurongora igihugu.

Perezida Evariste Ndayishimiye akaba yagendeye igihugu ca kibanyi ca Tanzaniya. Yakiriwe na mugenziwe Joseph Pombe Magufuli i Kigoma mu burengero bwa Tanzaniya.

Mw’ijambo ryiwe Pombe Magufuli yamenyesheje ko urudandazwa hagati y’igihugu ciwe n’Uburundi rwavuye ku miriyaridi 115 kuva mu mwaka wa 2006 gushika ku miriyaridi 201 mu mwaka 2020. Yamesheje kandi ko ikigo corohereza abanyamitahe cemeye kwakira imigambi 16 yavuye mu Burundi.

Ku ruhande rwiwe, Evariste Ndayishimiye yavuze ko yahisemwo gutangura kugendera Tanzaniya kuko ico gihugu cafashije mu kugarukana amahoro mu Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768