BurundiCooperationhomepagekirundi

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yafashe urugendo yerekeza mu Misiri

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 23 Ntwarante umwaka w’2021, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’abagize Reta y’Uburundi bane hamwe n’abagwizatunga barenga icumi bafashe urugendo rubashikana mu gihugu ca Misiri muri Egiputa.

Muri urwo rugendo rufise intumbero yo gukomeza imigenderanire n’ubucuti vyari bisanzwe bimeze neza hagati y’ivyo bihugu, kazoba ari akaryo keza ku mukuru w’igihugu c’Uburundi ko guhamagarira abagwizatunga bo mu Misiri kuza gukorera mu Burundi.

Mwomenya ko urwo rugendo rubaye urugira kane agize hanze y’igihugu kuva kuwa 18 Ruheshi 2020 arahiriye kurongora igihugu c’Uburundi inyuma yo kugendera Tanzaniya, Guinée Equatoriale hamwe na Gabon.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 767