BurundihomepageJusticekirundi

Umukuru w’igihugu yuguruye icese irekurwa ry’abanyororo baheruka kugirirwa ikigongwe

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2021, mw’ibohero rikuru rya mpimba habaye ibikorwa vyo kurekura icese abanyororo bari bapfunzwe bababa ibihumbi bitatu bagiriwe ikigongwe kw’itegeko ry’Umukuru w’igihugu ryo kuwa 31 Kigarama 2020.       

Muri ivyo bikorwa vyari vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu hamwe n’abandi banyacubahiro batandukanye, Evaritse Ndayishimiye yamenyesheje ko bagiye no gutezurira abapfasoni bose bafise abana bonsa basanzwe bapfungiwe mu mabohero ari mu gihugu cose maze bazohore bitaba intahe bava mu mihana iwabo. 

Nayo mu ntumbero yo kugira ngo abahora ari abanyororo barekurwe ku bwinshi, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yemeye ko indishi basabwa bazibakurako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764