homepagekirundi

Umukuru w’Igisagara ca Bujumbura arakebura abanyagisagara ku ma bus mashaha

Ntawobideha ko ibibazo bihari mu gihugu, ariko abavuka Burundi nibo bafise uruhara runini mu gutora inyishu ibereye, Ndekatubane Abraham ni umwe mu bagwizatunga baraye bahambije abandi mu guterera mw’iterambere ry’igihugu no mu gutanga akarorero keza ko bishoboka gukemura ibibazo bihanze igihugu cabibarutse.

Kw’igenekerezo rya 08 Myandagaro 2022 niho hatanguzwa ku mugaragaro igikorwa co kwunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura hifashishijwe ingendeshwa zigezweho igikorwa kigiye kuzokorwa n’ishirahamwe Van Transport riserukiwe n’umugwizatunga Ndekatubane Abraham.

Iyo mvukira yo muri zone ya Buyenzi ikaba yari yatewe iteka n’Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ubudandaji n’ingenzi, umupfasoni Chantal Nijimbere kumwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana, akaba ari nabo batanguje icese ico gikorwa.

Imbere y’abanditsi n’abamenyeshamakuru, umushikiranganji w’ubudandaji akaba yakengurutse ico gikorwa c’abo barwizatunga, agirako atera akamo abarundi ko izo ngendeshwa bozibungabunga, umushikiranganji akaba yagiriyeko atera akamo abarwizatunga guterera mu gisata co kwunguruza abantu n’ibintu kuko ingendeshwa zikiri nke ku zikenewe.

Ku ruhande rwiwe, uwaserukiye igisagara ca Bujumbura akaba yakengurukiye vy’imvamutima société Van Transport aca agirako atekerera impanuro aba nyagisagara.

Uwaserukiye Van Transport akaba yasavye Reta y’Uburundi kubaronsa ibituro bizwi no kubafasha kuronka ibitoro muri kino gihe bigoye.

Mwomenya ko iyo société yatanguranye n’imodoka 30, inyuma hakaba hari izindi 20 ziriko ziraza, bakazobandanya gushika aho baronka ingendeshwa zikwiye mu gisagara, ndetse mu gihe ca vuba bakazohora bakoresha udukarata two mu buhinga bwa none mu kwiyunguruza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755