Entertainmenthomepagekirundi

Umuntu umwe wenyene ngo ntiyarakwiye kwegurirwa gutunganya ihiganwa ry’Ubwiza (Miss)

Abategura amahiganwa y’ubwiza atandukanye agize imisi ariko aracanacanako hano iwacu ngo bavyica mu ntango z’ayo mahiganwa, Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Clovis Blaise Koriciza batazira Rasko asanzwe ari mu bategura ibiteramo bitandukanye hano mu gisagara ca Bujumbura no hagati mu gihugu.

Kubwa Rasko ngo abategura ayo mahiganwa babitegura nk’abategura ibiteramo bisanzwe, nico gituma bipfa. Ivyo akaba abivuga yisunze yuko uwutegura ikintu vyiwe bwite atawumubaza uko bizogenda hanyuma, ngo ategerezwa kuvyica. Kubwiwe ngo sico kimwe n’uwutegura ibintu azi ko ariko ategurira igihugu.

Rasko abona ko ayo mahiganwa abayategura bari bakwiye gukora nk’abakorera igihugu, kuko ico gihe uba uzi ko utariko utegura ibizoherera mu gikorwa kizoba itariki kanaka, ariko ngo uba uriko utegura ibikorwa bizobandanya kandi bigatuma igihugu kinamenyekana gusumba kandi kikagira iteka.

Muri ico kiyago yagiranye na Siren Vibe, Uwo mutware wa Now Creative, yanasavye ko igisata kijejwe gutunganya ibikorwa nkivyo coshingwa muri Leta. Gutyo uwukeneye gutunganya ibintu nkivyo akabanza akabihererwa uruhusha, kuko urwo rwego rwoba rwamaze kuraba ko akwije ibisabwa kugira abashe gutegura ico gikorwa.

Kubwa Clovis nyene ico gisata ngo coshinga ivyo abo bahiganwa betegerezwa guhabwa n’abategura ibikorwa nkivyo, uwutegura ashaka akongereza ariko ngo ntaje musi.

Rasko anabona ko ico gikorwa kitari gikwiye guhabwa umuntu umwe gusa, ahubwo ngo bari bakwiye kuba benshi bari mw’ihiganwa kugira uwo vyanse uno mwaka uwundi umwaka uza abone ko akwiye kubikora neza gusumba, gutyo ngo n’abantu baraheza bagashiramwo inguvu zikwiye.

S’ivyo gusa kuko Rasko yanavuze ko ukuba ico gikorwa kitagenda neza kiri mu bituma abana beza kandi baciye ubwenge batitabira ayo mahiganwa y’ubwiza kuko basanga ari uguta umwanya. Abo bana beza we yama yanabonye akabahimiriza kuja muri ayo mahiganwa ariko bakabirenzaho uruhu rw’amazi ngo bamubwira ko kwoba ari uguta umwanya.

Mwomenya ko ivyo abishikirije mu gihe iryo higanwa riheruka gushirwa mu minwe y’umugwizatunga Sultan Suleiman inyuma y’imyaka 4 ritaba hano iwacu, Umu Miss Burundi wa nyuma yaheruka gutorwa yatowe mu mwaka wa 2017, akaba yari Annie Bernice Nikuze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769