Entertainmenthomepage

Umuririmvyikazi w’umurundi Miss Erica yitavye Imana

K’umugoroba wo kuri uyu wagatanu igenekerezo rya 17/ Munyonyo 2023 niho hatanguye guca k’umbuga ngurukana bumenyi inkuru ivuga yuko Umuririmvyikazi Miss Erica umwanditsi w’indirimbo nka “Mon amour”,” Uula” nizindi ko yitavye Imana.

 

Ibi bikaba vyagumye biyobera benshi kuko bimenyerewe ko amakuru nkayo akunda gutangwa avuga ko umuririmvyi yitavye Imana munyuma bikarangira umuririmvyi wenyene abibeshuje.

Amakuru Radio Indundi Culture ikesha bamwe mubegereye umuryango n’abagenzi ba Miss Erica yemeza ko uwo mu ririmvyikazi yitavye Imana kuruyu wagatanu ahitanywe n’ingwara inyuma y’misi mike aho yari arwariye kubitaro Bumerec vyo mugisagara ca Bujumbura.

Tubibutseko yari umuririmvyi amaze imyaka myinshi mumwuga wo kuririmba. Gushika ubu yari afise abana 2 b’abahungu, umwana wambere yamuvyaranye n’umuririmvyi Sal – G gushika ubu atawuzi irengero ryiwe kuvaho afatiwe n’ ingwara yo mumutwe mumwaka wa 2014. Umuririmvyikazi Miss Erica
Ubu akaba yari yubakanye n’umuzungu.
Indirimbo yaheruka gusohora yitwa “Ndaberewe” yayikoranye na Kidum haraciye amezi 11.Radio Indundi Culture irahojeje umuryango wiwe n’uwabaririmvyi muri rusangi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 706