homepage

Étienne Ndayiragije ngo icizere co gutsinda Gabon ciyongereye ku bice 1000%

Mu gihe yari yavuze ko icizere co gutsinda Gambia ari ibice 500% , ubuho yavuze ko afise icizere co gutsinda Gabon ibice 1000%.

Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 Munyonyo 2023 isaha icumi (16h00) mu masaha ya Dar es Salaam ku kibuga ca Benjamin Mkapa , aho umugwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba watana mu mitwe n’umugwi nserukira gihugu wa Gambia, mu rukino rw’indwi ya mbere yo kurondera itike yo kwitabira inkino za nyuma z’igikombe c’Isi c’umwaka wa 2026.

Uburundi bukaba bwaraye butsinze igihugu ca Gambia kizokwitabira inkino za CAN 2024 ibitsindo 3 kuri 2.

Inyuma y’urwo rukino, Etienne Ndayiragije yaratanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, aho yabanje gushimira Imana kubona baronse amanota atatu muhira ntivyari vyoroshe kuko bakinye n’umugwi ukomeye.

Ndayiragije asubira kandi agashimira abasore biwe ku kungene bavyitwayemwo neza cane.

Abajijwe ikibazo c’uko Uburundi bwama butsinda ibitsindo hanyuma bagahakwa kubigombora vyose, akaba yishuye ati:’’ gikuru ni amanota atatu”.

Abajijwe ingene agiye kwitegurira Gabon naho, akaba yishuye ati:’’ubu ngiye kuraba urukino Gabon yakinye uno musi ndabe uko bakina, hanyuma ikindi gikurikira ni kuraba abakinyi bacu uko bavyuka kugira bashobora kugarukana utuguvu ‘’.

‘’ Muri runo rukino twagize ingorane nyinshi twakoze impinduka zikomeye mu gice ca kabiri bivanye n’ukurwara kwa Dérick na Abedi bababaye, vyaciye biba ngombwa y’uko tubasubiriza bitari mu migambi ‘’.

Abajijwe icizere afise co gutsinda Gabon, akaba yavuze y’uko afise icizere kingana n’ibice 1000%, bitandukanye n’uko yari yavuze ko afise icizere kingana n’ibice 500% co gutsinda Gabon .

Mwomenyako Uburundi buzokwakira Gabon kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 19 Munyonyo 2023 igice c’isaha icenda (15h00) mu masaha y’i Burundi, ku kibuga citiriwe Benjamin Mkapa kiri mu gisagara ca Dar Es Saalam .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671