kirundiWorld News

Umushikiranganji wa mbere w’ubwongereza yafashwe na COVID-19

Umushikiranganji wa mbere w’ubwongereza nawe yafashwe n’ingwara ya Covid-19, ivyo bikaba vyamenyekanye kuri uyu wa gatanu inyuma yaho baboneye ibimenyetso vy’abafashwe n’uwo mugera wa Corona Virus.

Amakuru dukesha itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP avuga ko uwo mushikiranganjwi wa mbere naho agwaye ngo akibandanya kugwanya ico kiza cateye, kandi hampande yiwe n’umuganwa Charles, Prince Charles, nawe yaheruka gutorwako iyo ngwara ya Covid-19.

Uwo mushikiranganji akaba afashwe mu gihe yaragize igihe atarabwa neza kubera ko ngo yatebeje gufata ingingo zikomeye ngo akingire abongere iyo ngwara.

Gushika ubu ico gihugu kikaba kimaze kubona abagwaye iyo ngwara barenga 14 543 nabarenga 753 bamaze guhitanwa n’iyo ngwara. Ku mugwa mukuru hakaba ariho hagwiriye abafise iyo ngwara, kandi n’ibitari bikaba bisa nkaho bimaze kurengerwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 457