Uncategorized

Umushikirizamanza wa Republika (Porokirere). Bimwe mu vyo ajejwe.

Ikimenyetso ngereranyo c’ubutungane

Nkuko rero kenshi twakuze twumva bavuga ko ubutungane bugizwe n’abacamanza, ntihobura kugira abo bihava bigora ukugira itandukaniro riri hagati y’Umucamanza hamwe n’umushikirizamanza.

Umushikirizamanza canke Porokirere ni Uwusanzwe arongoye mu Ntara urwego rwa Parike iba isanzwe ikukira Sentare aherereyemwo. Uwo niwe bita Umushikirizamanza wa Republika mu Ntara. ( Twahagaze ku rwego rw’Intara)

Ariko rero na narirya ivyaha biba bikorwa ku rwego rwaho aherereye biba ari vyinshi, araheza akaronswa ivyegera vyiwe ( Substituts). Abo  nabo nyene baba bafise ubumenyi nk’ubwo afise, uretse ko aba yarahawe amabanga y’ukubabera umurongozi.

Bose aba ari abantu banonosoye bakaminuza ibijanye n’amategeko; bose nyene  bakaba bajejwe amabanga y’ugutohoza Ibirego vyose bijanye n’ivyaha bishimikije ingingo ziri mu gitabo mpanavyaha.

Muri ayo matohoza , ahanini Umushikirizamanza  akurikirana ivyaha biba vyabanje gutohozwa n’Inyamiramabi ( OPJ) . Mu kiringo bimaze kumushikirizwa , araheza  akayabandanya amatohoza kugira ngo  abone ko vy’ukuri hoba hari ivyemezo bifashe bishigikira icaha uwuregwa yagirizwa canke ko hatoba hariho n’ivyoza nyabuna bishigikira ko uwo muntu atoba yera.

Umushikirizamanza rero ntajejwe gusa gutohoza arondera kwagiriza, ahubwo nyabuna arajejwe n’ukuraba ko uwagirizwa icaha  atoba ari inzirakarengane na narirya inkozi z’ikibi zitari nke zifise ubuhinga bw’ugukora ikibi, ku buryo atawobica n’ikanda.

Turetse rero ukubandanya  amatohoza  yatanguwe n’Inyamiramabi, Umushikirizamanza n’uburenganzira bw’ ugukurikirana ivyaha yitohoreje we nyene, mu gihe hari uwitwaye canke mu gihe we nyene yironkeye ibisusa n’ivyemezo abona yokorerako( Kuko biraheza bikitwa ivyemezo mugihe yarangije amatohoza). N’ukuvuga ko Umushikirizamanza ataba ari ngaho ngo arindiriye ibirego bizanana Inyamiramabi gusa.

Muravye rero uko akazi k’Umushikirizamanza kari, muraheza mukabona ko hariho isano rinini n’akazi OPJ akora akaba ari naco gituma mu bijanye n’akazi, Umushikirizamanza arekuriwe gusuzuma ibikorwa  OPJ ajejwe muri iryo banga basangiye ry’ugukurikirana ivyaha.

Nico gituma mu vyo Umushikirizamanza ajejwe harimwo nk’ugushobora kuja gukurikirana igikorwa OPJ ariko akora ku kivi, agaheza akihweza na canecane ibijanye n’ababa basanzwe bapfunzwe bagirizwa ivyaha binyuranye. Mu gihe Umushirizamanza ariko asuzuma abafungiwe mu gasho, araheza  akihweza, afatitye ku vyo bagirizwa, ko hatari abo bitoba vyari nkenewe ko borinda kuba  baboshwe , ivyo akabikora afatiye ku buremere bw’ivyo bagirizwa , akishimikiza n’ibitegekanwa n’igitabo mpanavyaha.

Imbere y’ukurekura umuntu rero yari yafashwe n’Inyamiramabi, naho, Umushikirizamanza yosanga wamengo ntivyari nkenerwa ko uwo muntu aba apfunzwe, ni vyiza ko baganira na OPJ na canecane ko, OPJ kenshi aba yegereye Abanyagihugu bamwifatiye, gutyo bakihwereza hamwe nimba iryo rekurwa ritobura guhava ritera uruhagarara. ( Kuko Abanyagihugu si bose baba bazi ibijanye n’ivyo amategeko avuga).

Hejuru y’ivyo vyose rero ajejwe, Umushikirizamanza arajejwe n’amabanga akomeye y’ukuja kwagiriza  uwikekwako icaha, maze agaheza agashikiriza Sentare ivyemezo vyashoboye kwegeranwa vyemeza ko uwo muntu vy’ukuri ari inkozi y’ikibi.

N’aha nyene, singombwa ko , umushikirizamanza yokwama afise inyifato y’ukwagiriza. Ivyo biri uko kubera ko, bishika ko Umuntu naho mu mwanya wa mbere hoba harabonetse ivyemezo, bishobora gushika nyuma hakaboneka ibindi vyemezo bimugabaniriza icaha canke mbere bikamweza burundu.

Naho nyene bisa n’ibidashoboka ko uwo muburana yokuburanira, Umushikirizamanza wa Republika, mu mabanga yiwe y’umuburanyi adasanzwe murabona ko we ashobora kubishikako uretse ko vy’ukuri ivyo bishika gake imbere ya Sentare.

UMUSHIKIRIZAMANZA NTAJEJWE GUFUNGA ABANTU GUSA, ARAJEJWE N’UKUFANGUZA!

 

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55