Burundihomepagekirundipolitics

Umushingamateka Sheikh Mohamed Rukara yaraye aryamiye ukuboko kw’abagabo

Umushingamateka Sheikh Mohamed Rukara yahoze ari umuhuza w’Abarundi yaraye aryamiye ukuboko kw’abagabo i Buruseri mu Bubirigi.

Aciye ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umukuru w’igihugu cacu Petero Nkurunziza co kimwe n’abandi banyacubahiro, yamenyesheje ko Abarundi bazokwama bibuka iragi ry’urukundo n’ubumwe vyamye biranga uwo muhisi aboneraho n’uguhoza umuryango wabuze.

Umuhisi Sheikh Mohamed Rukara yari yabonye izuba mu mwaka wa 1955, akaba yari mu banywanyi bakomeye b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, yigeze kuba no mu nama y’inararibonye zawo. Yize amashure mu gihugu ca Arabia Saoudite, akaba yarabaye mu bihugu vya Costa Rica hamwe na Tanzania.

Yaranakoze kw’iradiyo y’igihugu, aho yashikiriza amakuru mu rurimi rw’igiswahili akaba ariwe yashinze radiyo na televiziyo Salama.

Umuhisi Rukara yatowe mu mwaka wa 2010 kuba umuhuza w’Abarundi, ico gihe akaba yari umukenguzamatekai, aho yaciye atangura ayo mabanga mu ntango z’umwaka wa 2011.

Igikorwa ciwe nticari coroshe. Mu kwezi kwa gatanu 2012, amaze umwaka umwe urenga atanguye amabanga, yatangaje ko hari akarwi k’abantu bahatswe kumugandagura, aho umuvugizi wiwe ico gihe, Jerome Ndiho, yavuze ko kari akarwi k’abiba ikigega c’igihugu.

Umuhisi Rukara yagiye kurangiza amabanga yiwe nk’umuhuza w’Abarundi mu kwezi kw’icumi na rimwe umwaka wa 2016, akaba yasubiriwe na Edouard Nduwimana yahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764