homepagekirundisecurityWorld News

Umusirikare umwe bamutemye, abandi 3 barabarasa

Inkozi y’ikibi yihaye inkumbi itemagura umusirikare, abandi 3 abica abarasishije inkoho yo mu bwoko bwa Pistol ya nyene gutemagurwa. Gushika ubu ntiharamenyekana ico vyoba vyavuye, ariko ikizwi co nuko abatari bake mu basirikare ba Special Force bariko baramuhigisha uruhindu.

Ubwo bwicanyi bwabereye mw’ikambi ya gisirikare, ahasanzwe hari abasirikare bagwanira mu kirere nkuko amakuru dukesha BBC abishikiriza. Iyo kambi ya gisirikare ikaba iri ku birometero 465 uvuye ku mugwa mukuru w’Uburusiya Moscou.

Itororokanirizo ry’amakuru RIA Novosti ryo mu burusiya rikaba rivuga ko iyo nkozi y’ikibi nayo yarisanzwe ikorera muri iyo kambi ya gisirikare, izwi kw’izina rya “Anton Makarov”, akaba afise ipete batangurirako mu gisirikare. Ayo maroregwa akaba yayakoze kuri uyu wa mbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755