BurundihomepagekirundiUncategorized

Umuvugizi w’igipolisi yavuze uwo umutekano w’impunzi zizotaha zivuye mu Rwanda uzobazwa

Umutekano w’Impunzi z’abarundi zahungiye mu Rwanda zizotahuka kuri uyu wa 27/8 ngo uzoba ucungerewe guhera ku mupaka gushika no mu bibanza bateguriwe bazoshikiramwo.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru umuvugizi w’igipolisi, Pierre Nkurikiye avuga ko igipolisi kizobacungerera umutekano bamaze kubashika mu ntoke, kuko umutekano w’izo mpunzi mu Rwanda uzobazwa igihugu barimwo hamwe na HCR.

Muri ico kiganiro nyene uwo muvugizi w’igipolisi yamenyesheje ko bavuze ko inzira ya hagufi izo mpunzi zari gucamwo ngo yononekaye. Bikazoca biba ngombwa ko baca i Kigali, bakazokora urugendo rw’ibirometero 300 (300 Km).

Ivyo bikaba bishikirijwe inyuma yaho abavuye mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Gihugu, mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, HCR n’amashirahamwe bakorana hamwe n’igipolisi batemberereye ibibanza bazoshikiramwo biri mu ntara za Ngozi na Muyinga, aho bari bajanwe no kuraba ibisigaye gutegurwa kugira bazobe bisuganije neza igihe izo mpunzi zizoshika.

Mwomenya ko iryo genekerezo ryashitsweko inyuma y’ibiganiro vyahuje abaserukira Leta y’Uburundi, Leta y’Urwanda n’abaserukira ishiramwe HCR.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 789