homepagemusic

“Umuziki nawutanguriye muri Douche”

Umuririmvyikazi w’umurundi Edrissia Mukazi yari amaze imyaka ibiri adasohora indirimbo ubu aherutse kugaruka muri “gemu” (game) n’indirimbo yiwe nshasha.

Umuririmvyikazi w’umurundi Edrissia kumazina yiwe y’ukuri Edrissia Mukazi yatanguye kumenyekanira cane mw’ihiganwa ritegurirwa muri Afrika y’epfo (Afrique du Sud) .Edrissia ari mubitabiriye iryo higanwa mu mwaka wa 2018 .Nubwo atatahukanye ikibanza ca mbere, yageze mugice gishira icanyuma, ivyamutumye aca afata umuziki nk’akazi ubu akaba afise indirimbo zitandatu amaze gusohora.

Uko impano ya Edrissia yo kuririmba yatanguye

Mukiganiro Indundi Hits Show ca Radio Indundi Culture co ku musi wa gatatu igenekerezo rya 29 Rusama 2024 , Edrissia amaze imyaka ine ukuririmba abigize umwuga, Yiganye uko yatanguye kwumva ko afise impano, ntanumwe yanyigishije ivyo kuririmba ariko indoto yanje yari iyo kuzoja mu mahiganwa akomeye, ndashimira Imana kuko n’ubu si ndacika intege aho agira ati : ” ndipfuza gukora kugeza aho abankurikirana nzobategurira igiteramo c’iwanje bwite bagasidukana n’iyonka, ndakunda umuziki nzowukorera”

Imyaka ibiri ariko yari irangiye Edrissia ata ndirimbo nshasha asohoye.Ubu aherutse gusohora iyo yise “Agahararo”.
Imvo z’ico kiringo cose adasohora indirimbo nshasha ngo nuko hari ibintu vyinshi yategerezwa gutunganya imbere yuko yisuganya kugira ahe abakunzi biwe igikorwa kimeze neza aheruka gusohora indirimbo yise “Agahararo”. Edrissia De Jah avuga kandi ko aherutse kuronka abamushigikira mu buryo bw’amafaranga kugira abandanye ibikorwa vyiwe.Indirimbo ziwe ziri no kuri YouTube Edrissia De Jah.Zimwe muzindi ndirimbo ziwe ni nka” Pour vous”, “Loving” n’izindi.

Inkuru yanditswe na Adidjoe Nshimirimana na Égide Nahayo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691