Burundihomepagekirundi

Umwana wa Hosy irakoze yaremewe mu gitigiri c’ibinyamakuru na CNC

Siren Vibe ntikiri ishirahamwe(Company) gusa ariko yahawe uburenganzira bwo gukora nk’ikinyamakuru cemewe n’amategeko hano mu gihugu iwacu, ivyo bikaba vyashizwe ku mugaragaro n’ico kinyamakuru ubwaco ku mbuga basanzwe bakoresha.

Muri Post bakoze ico kinyamakuru cashimiye ababaye hafi bose, barimwo umuserukizi w’Uburundi mu gihugu ca Ethipie Amb. Willy Nyamitwe muri urwo rugendo rwo gusaba ko bemerwa nk’ikinyamakuru gikorera hano iwacu.

Kuri iyo Post nyene bakaba banagiriyeko bashimira uwusanzwe atwara ico kinyamakuru ariwe Iradukunda Nikita, eka banasangiza ababakurikirana urwandiko bandikiwe n’ikigo kijejwe kugenzura ibinyamakuru mu Burundi CNC, igenekerezo rya 15/3/2022.

Muri iryo kete ryandikiwe uwusanzwe atwara ico kinyamakuru ariwe Nikita akaba yamenyeshejwe ko bemerewe gukorera hano iwacu, ariko kandi bagahimirizwa kuzogendera musi y’amategeko agenga ibinyamakuru muri kino gihugu cacu ciza c’Uburundi.

Siren ikaba yemerewe inyuma y’imyaka hafi 3 bariko barakora. Siren ikaba imaze gukorerwako n’abamenyeshamakuru batandukanye barimwo abagiye mu bindi bikorwa, eka mbere n’abagiye mu bindi binyamakuru.

Urwo rubuga rwa Youtube rwa Siren Vibe rukaba rwashinzwe igenekerezo rya 1/8/2019, inyuma y’amezi hafi 2 akaba ariho ikiganiro cabo ca 1 cashizwe kuri urwo rubuga, Alvin Smith yanigeze kuba umwe mu bakoresha ibiganiro kuri Siren Vibe akaba ariwe yari umutumire, binamunanira kuvuga izina ry’iyo mboneshakure, aho hakaba hari igenekerezo rya 27/9/2019.

Siren Vibe Tv ikaba yashinzwe na Hosy Irakoze, uno musi asanzwe ari umwe mu bakora ikiganiro Hun and Facts kigize igihe gikunzwe. Akaba ico gihe yaravuye muri Buja Hit nayo ikorera kuri urwo rubuga Youtube.

Ico kinyamakuru kikaba gisanzwe kigira ico kironse kuri urwo rubuga rwa Youtube, nkuko tuvyerekwa n’urubuga rwerekana ibihembo bihabwa abakoresha urwo rubuga. Nkuko Social Blade ivyerekana Siren Vibe Tv yoba yinjiza buri kwezi amafaranga ari hagati y’ama $40 n’ama $639 buri kwezi, nayo ku mwaka bakaba boba binjiza ayari hagati y’$479 n’ama $7700.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764