BurundihomepageJusticekirundipolitics

Uru nirwo Sentare yaciriye abagirizwa kugandagura Perezida Melchior Ndadaye

Umunyororo wo guherayo hamwe n’indishi y’akababaro y’imiliyaridi zirenga ijana na zibiri nico gihano cakatiwe abantu 19 bagirizwa ivyaha vyo kugandagura umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye hamwe no guhungabanya umutekano vyatumye haba akajagari mu gihugu.

Muri abo harimwo Pierre Buyoya yahoze arongoye igihugu, Alphonse Marie Kadege yabaye icegera c’umukuru w’igihugu hamwe na Luc Rukingama yahoze ari umuvugizi wa Reta.

Abandi ni abahoze mu nzego nkuru z’igihugu zaba iz’intwaro canke iz’umutekano.

Abandi 3 bagirizwa gukingira ikibaba abo ba mbere baciriwe umunyororo w’imyaka 20 umwe umwe. Abo ni Bernard Bsokoza yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Alphonse Mushwabure na Vincent Niyungeko. Antoine Nduwayo yahoze ari umushikiranganji wa mbere we nta caha camwagiriye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764