EconomyAyagezwehohomepageIKIRUNDI_newskirundiMédias

Uruhara rw’abamenyeshamakuru mu kuzamura ubutunzi bw’Igihugu

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru bakora amakuru ajanye n’ubutunzi, REJEBU (Réseau des Journalistes Economiques du Burundi) ryatanguye kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 1 Ntwarante 2022, ibikorwa bijanye no guhimiriza abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubakaburira kurwiza amakuru ajanye n’ubutunzi mu makuru yabo ya misi yose.

Iryo shirahamwe REJEBU ryashinzwe mu kwezi kwa Ruheshi 2018 rikaba ryemewe n’ibwirizwa nshikiranganji inomero 580/18 ryo kuwa 5 Gitugutu 2021.

Nk’uko biri mw’ijambo ryashikirijwe na Salvator Niyonizigiye arirongoye ngo ntivyumvikana ingene igisata c’ubutunzi kitohabwa ikibanza kinini mu Burundi mu gihe ivyegeranyo vyama bisohoka vyerekana ko Uburundi ari igihugu kikiri mu nzira y’amajambere.

Niyonizigiye Salvator avuga ko umuntu wese atagerezwa guterera kugira ngo igihugu cisununure mu bijanye n’ubutunzi.

Ku ruhande rw’abamenyeshamakuru, Niyonizigiye avuga ko vyagaragaye ko uruhara rwabo mw’iterambera ari karahara mu ruganda ntibacure.

Ivyo ngo bibonekera mu mugambi w’igihugu w’iterambere (Plan national de développement 2018_2027) aho bavuga ko umumenyeshamakuru ari ikintu gikomeye mw’iterambere.

Vyongeye ngo icegeranyo casohowe n’urwego rujejwe kugenzura ingene ibimenyamakuru bikora mu Burundi, CNC, mu mwaka w’2018, cerekanye ko mu makuru ashikirizwa mu Burundi ata hantu nahamwe harerekanwa ikibanza gikomeye gihabwa igisata c’ubutunzi mu binyamakuru.

Aho ni mugihe usanga amakuru avugwa cane ari ayajanye n’umutekano, agateka ka zina muntu, politike, n’ibindi.

Ivyo rero nivyo vyatumye abamenyeshamakuru baja hamwe kugira ngo bagire uruhara mu gutanga amakuru ajanaye n’ivy’ubutunzi.

Muri REJEBU, bavuga ko bizonafasha urwaruka kumenya amakuru maze bakaboneraho akaryo ko kwitunganiriza imigambi y’iterambere .

Umwunganirizi w’umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo ivyo gutumatumanako amakuru, Thierry Kitamoya avuga ko iryo shirahamwe rije hageze.

Kitamoya avuga ko bizotuma amakuru ajanye n’ubutunzi atangwa ku mwanya ku mwanya, na kare ngo ubutunzi ni umugambi ukomeye Reta Nkozi Reta mvyeyi yashize imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758