HealthhomepagekirundiWorld News

Uruhinja rwahitanwe na Corona-Virus muri Amerika

Uko imisi ihera niko isi ibandanya itangazwa n’ikiza c’umugera Corona Virus gitera ingwara Covid-19 iriko irahekura imiryango itari mike. Inyuma y’umwana akiri muto, n’ukuvuga akiri umuyabaga aheruka kwitaba Imana mu bufaransa, aho vyaboneka ko ata kibazo c’amagara yarafise, ubu naho n’uruhinja rwatashe.

Muri leta zunzubumwe za amerika muri leta ya Illinois, neza neza muri Chigaco uruhinja rwitavye Imana ruzize uwo mugera wa Corona-Virus, nkuko Buramatari w’iyo ntara yabishikirije mw’itangazo yatanze.

Umuyobozi mukuru mu gisata kijejwe amagara y’abantu muri iyo ntara, Dr. Ngozi Ezike, akaba yamenyesheje ko amatohoza yamaze gutangura ngo hamenyekane vyukuri icoba cahitanye abo bana. Igituma ngo nuko uruhinja rwari bwahitanwe n’ico kiza ca Corona-Virus cateye ico gihugu.

Ku bana bato rikaba ritabaye irya mbere kuko ngo mu bushinwa aho ico kiza catanguriye, umwana w’amezi 10 yaritavye Imana inyuma y’indwi 4 gusa ashikanywe mu bitaro vy’abana i Wuhan.

Ivyo bikaba bibandanya gushika mu gihe vyari bizwi ko abana bato cane basanzwe bagwanya cane uwo mugera w’iyo ngwara. Si ico gusa kuko n’abakiri bato nabo bivurwa ko bari mu bagwanya cane ico kiza, ariko hakaba hari bamwe baboneka ko babangamirwa cane n’iyo ngwara ya Covid-19.

Gushika ubu ico kiza ca Corona Virus kikaba kitarashika hano iwacu, ariko mu bihugu bibanyi nka Tanzania hamaze kuboneka abagwayi 14, umwe muribo akaba amaze gukira, mu Rwanda abagwayi bakaba bamaze kuba 70, barimwo 10 batowe kuri uyu wa Mungu, nayo muri Congo iharanira intwaro rusangi abagwayi bakaba bamaze kuba 81, barimwo 6 babonetse kuri uno wa Mungu mu gace ka Bukavu nkuko bishikirizwa n’ikinyamakuru Actualite.cd co muri ico gihugu.

Nayo gushika ubu Leta zunze ubumwe za amerika kikaba arico gihugu kimaze kubonekamwo abagwayi benshi cane. Abagwayi bakaba bamaze kungana n’141.781 barimwo abarenga 18,203 babonetse ku musi wa Mungu. Nayo abangana 2471 bakaba bamaze guhitanwa n’iyo ngwara, ariko abashika 4,435 bakaba barakize ico kiza gihanze isi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755