EntertainmentAkes Donhomepagekirundi

Urukuta nari ndimwo nararusimvye mu gihe nari mbayeho nk’uwuri mu gasho

Ni kuri uyu wa gatanu itariki 10/05/2019 aho mukiganiro Indundi Hits Show gishikirizwa Na Epimac afadikanije na Alain, umuririmvyi Magic Soldier Kingorongoro abajijwe uko ibikorwa vyiwe bipanze no kubona haragaragaye igikorwa agiye gusohora vuba yagize ati :
“ABARUNDI banyitege mubintu bimeze neza kurya banzi kuri “Ile ile, Vunja Goti” n’izindi abe ariko banyitega”

Abajijwe igituma batomwitega nk’uko bamuzi kuri za ExGirl friend n’izindi yagiye arasohora amaze kuja muri Label yagize ati :
“Usanga ibikorwa vyanje biriko bisubizwa inyuma, kuko ubu ndi jenyene n’ibintu biboneka kuko ndavuzwa ku maradiyo ukuri kwamye kuko nije nimenya uko ibikorwa vyanje bitunganywa, ugasanga ndamenya nti iki kimeze uku iki kimeze kuriya atavyo gushaka gukora canke gutanga iciyumviro ukumva abo wita ngo baragutwara bakubwiye ngo “Ivyo s’akazi kakuraba tekereza”

Aho Kingorongoro yarabandanije avuga ko asigaye aboneka mubiteramo bitandukanye ngo kandi hari n’ibindi bigera kuri Bitatu(3) bitaraja ahabona ashobora kubonekamwo Naho ngo akabikesha ko Urukuta Yari yugaraniyemwo rusa nkaho yarusimvye
Yagize nti Abarundi n’Abarundi Kazi badushigikire babandanye banadutora mumahiganwa turimwo aho yariko avuga ihaganwa rya “Buja Music Award” aho asanzwe ari mu mice igera kuri Itatu (Indirimbo nziza ya HipHop; umuririmvyi mwiza wa HipHop hamwe na Video Nziza)

Ni Kingorongoro kandi abajijwe kubijanye na Label abona ko ziriko ziritanga yatanze akarorero avuga ati :
“Naho nari naravuze The Fighter Production; ubu EMPIRE AVENUE iriko iza neza aho ubona ko yaguye uturere twa hano muri Africa ukabona ko n’indirimbo zabari musi y’iyo Label ziriko zivuzwa kumasamirizi n’imboneshakure mpuza makungu aho rero ntawokwirengagiza ko ico Umuririmvyi aba akeneye muri Management harimwo ugukorerwa ibikorwa vyiza hatibagiwe no kubikwiragiza hirya no hino.

Aho Yarangije asaba ko Abakunzi b’Umuziki wiwe n’abakurikiranira ibikorwa vy’Abaririmvyi b’Uburundi ko bokwitega indirimbo imeze neza Y’Ikirundi yise “HARI KERA” arikumwe na Vichou wa Peace and Love izoza isubirira iyahahora yuse Woza Wombona yakoranye n’umwe mubaririmvyi bakomeye bo mugihugu ca Tanzania ariwe Country Boy.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769