homepagekirundiWorld News

Urumogi ngo n’igiterwa ciza cane, kandi kitagorana

(Illustration/iStock)

Urumogi ngo n’igiterwa ciza cane, kitagorana iyo wagiteye. Ivyo n’ibishikirizwa n’umwe mu barimyi b’ico giterwa mu bufaransa.

Ico giterwa gisanzwe kitemewe mu bihugu bitari bike, ubu ngo kirijukiwe cane mu bufaransa nkuko bishikirizwa mu kiganiro Plan b gitegurwa n’ikinyamakuru le Monde.

Naho wumva cijukiwe, ngo ntibatera icarico cose kuko hari bumwe mu bwoko bw’ico giterwa butemewe kubera ubumara bwitwa “THC” bubarizwa muri ico giterwa buba ari bwinshi.

THC niyo itera umuntu ico abakunzi b’ico kiyayuramutwe bita iswingi. Iyo nayo ikaba ari nyinshi mu bwoko bitwa Cannabis Indica, izwi cane nka chamve indien.

Iyo THC ariko ikaba ari nke cane gose mu bundi bwoko bw’ico giterwa kizwi nka Cannabis Sativa ari nabwo batera mu bufaransa, kuko iri muri y’ibice 0,02%, nkuko ayo makuru dukesha le Monde abandanya abishikiriza.

Ubwo bwoko bw’urumogi ngo ntibakoresha ibice vyose birugize. Umutumba hamwe n’imbuto zarwo nizo zikoreshwa mu bikorwa bitandukanye birimwo ivy’ubwiza, Cosmetic, amavuta yo guteka, mbere n’ibinyobwa bikaba vyaratanguye gukorwa.

Ubufaransa bukaba buza mu kibanza ca 4 mu bihugu birima urumogi cane kw’isi, inyuma y’ubushinwa(25,000 Hectares), Canada(32,000 hectares) na Leta zunze ubumwe za Amerika(32,000 Hectares). Ubufaransa bukaba bwo burima Hectare 22,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755